Visi Perezida wa Kenya Rigathi Gachagua Ari mu Bitaro

Rigathi Gachagua

Icegera c'umukuru w'igihugu ca Kenya, Rigathi Gachagua, ari mu bitaro, mu gihe inama nkenguzamateka yiteguriye gutunganya itora ryo kumukura mu mabanga yiwe kubera ivyaha yagirizwa. Iyi nkuru yatangajwe n'uwumwunganira mu vy'amategeko.

Paul Muite Rigathi, aburanira Gachagua, yatangaje ko vyari bitegekanijwe ko arenguka imbere y’inama nkenguzamateka kugira yisigure ku vyaha 11 yagirizwa. Yamara Muite yabwiye inama nkenguzamateka ko Gachagua arwaye cane ku buryo adashobora kwitaba urwo rwego.

Umukuru w’inama nkenguzamateka, Amason Kingi, yasibije igikorwa co kwumviriza Gachagua. Mu ntango yari yamuhaye gushika isaha 11 zo ku muhingamo y’amasaha yo muri Kenya kugira arenguke muri urwo rwego.

Ivyaha Rigathi Gachagua yagirizwa birimwo gukokeza urwanko rufatiye ku bwoko hamwe no kuronka mu buryo budasobanutse amatungo y’agaciro karenga imiliyoni 40 y’amadolari kuva ashikiye amabanga y’icegera ca prezida.

Abamwunganira bavuga ko ata vyemezo bihari ku vyo yagirizwa. Mu ndwi irangiye, inama nshingamateka yarafashe ingingo yo kubogoza Rigathi Gachagua mu mabanga yiwe y’icegera ca prezida. Mu mezi ya vuba, prezida wa Kenya, William Ruto, yaragiranye ibibazo vyo kutumvikana na Gachagua. Yamara gushika ubu ntaco aravuga ku biriko biraba muri iki gihe.

Abantu batari bake muri Kenya babona ko kurondera gukura Gachagua mu mabanga yiwe y’icegera ca prezida ari ibintu bifatiye ku mpamvu za politike, kandi ko bisamaza abanyagihugu ku bibazo nyakuri bibaraje ishinga.

Hamwe bibiri vya gatatu vy’abagize inama nkenguzamateka botora kumukura mu mabanga yiwe, Gachagua yoba abaye icegera ca prezida wa Kenya wa mbere yoba akuwe mu mabanga yiwe hisunzwe ibwirizwa shingiro ryo mu mwaka w’i 2010. (AFRICANEWS)