Inama Nkenguzamateka y'Uburundi Yabajije Reta Igituma Abakozi Bateba Guhembwa

Ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi bwatumweko mu nama nkenguzamateka kuri uyu wa gatatu kwishura ku bibazo bihanze ico gisata birimwo abakozi batangura akazi bakamara igihe kinini badahembwa kandi reta ari yo yabahaye ako kazi. Vyongeye n’amasendika y’abakozi mu Burundi avuga ko bibabaje kubona umukozi akora adahembwa. Ubwo bushikiranganji buvuga ko ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu.

Ibibazo vyashikirijwe n’abagize inama nkenguzamateka y’Uburundi bigaruka cane ku ngorane zihanze igisata c’ubushikiranganji bujejwe abakozi n’akazi, zitegerezwa gutorerwa umuti vyihuse kuko zigira ingaruka mbi ku bakozi n’akazi muri rusangi. Izo na zo zirimwo uburyo budatunganije neza bwo guhemba abakozi, ikoranabuhanga ritifashe neza, n’ibindi bitandukanye.

Bamwe mu bagize inama nkenguzamateka bagarutse cane ku kibazo kirabana n’abakozi ba reta binjira mu kazi bakamara amezi menshi badahembwa.

Uyu mukenguzamateka na we avuga ko ubwo bushikiranganji bwari bukwiye gufata mu minwe ikibazo c’abakozi, bakarazwa ishinga no kubona abakozi bakora neza kuko batunganirijwe ivyo basaba.

Umushikiranganji ujejwe abakozi n’akazi yasiguye ko impamvu nyamukuru ibitera, ari uko abinjira mu kazi bashasha bataba batanze ivyangombwa bikwiye bisabwa n’amategeko.

Ariko naho biri uko, abashingamateka ntibanyuzwe n’iyo nsiguro. Uyu mushingamateka avuga ko ubwo bushikiranganji bwategerezwa gushiraho abakozi basuzuma ko umukozi akwije ivya ngombwa, imbere y’uko yinjira mu kazi.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya ico kibazo uko kivugwaho mu bakozi bagize amashirahamwe y’abakozi mu Burundi, rivugana na Nsavyimana Celestin, umukuru w’urunani mpuzamasendika bo mu Burundi Cosybu.

Celestin Nsavyimana na we avuga ko ari ikibazo gikomeye kubona hari abakozi bamara amezi nka 6 badahembwa. Avuga ko no mu bushikiranganji batwarirwamwo, haba habayeho gusamara no kudakora akazi kabo neza.

Prof.Desire Nisubire arongoye sendika y’abarimu muri kaminuza y’Uburundi kuri micro y’Ijwi ry’Amerika, nawe avuga ko bobo bahemberwa ku gihe. Gusa,

Zimwe mu nyishu z’ibibazo bihanze igisata c’abakozi n’akazi, harimwo gushiraho uburyo bushasha bwo gutunganya ivya gombwa n’imishahara, hakoreshejwe uburyo bw’ikoranabuhanga bugezweho nk’ uko bishikirizwa n’abagize inama nkenguzamateka.

Umushikiranganji Venuste Muyabaga amenyesha ko hagiye gukoreshwa ubuhinga bushasha mu gukuraho izo nzitizi zose zihari.

Ikindi umushikiranganji yishuyeko n’ikibazo kijanye n’uburyo bwari busanzwe bukoreshwa mu guhemba abakozi, aho bwagenzurwa n’abanyamahanga kandi bugatwara uburyo bwinshi ku bayikoresha.

Umushikiranganji yamenyesheje ko igiye guhindurwa aho hari n’inyigisho zategekanijwe ku bahinga bose bize igisata c’ubuhinga bwa none babishoboye, bazokwifashishwa mu kubishira mu ngiro.