ONU Itabariza Afurika y'Ubumanuko Ibangamiwe n'Ubushuhe Bwinshi

Afurika y’ubumanuko igeramiwe n’ingaruka z’ibihe vy’ubushuhe burengeje urugero, bizwi kw’izina rya El Nino. Ishami rya ONU ryitaho imfungurwa, PAM, ribivuga ryemeza ko abagizweko ingaruka na El Nino barenga imiriyoni 27.

Raporo nshasha ya PAM yerekana ko ibihugu bigeramiwe n’ingaruka z’ubushuhe burengeje urugero, ari Lesotho, Malawi, Namibiya, Zambiya na Zimbabwe. Hambavu y’ibihugu bitanu biherereye muri Afrika y’ubumanuko, PAM ivuga ko Angola na Mozambike bitari muri ico gice ca Afurika na vyo nyene bibangamiwe.

Ibi bihugu vyose, vyatanganje ibihe bidasanzwe vy’akaga kubera ubushuhe budasanzwe bwa El Nino. Ishami rya ONU ryitaho imfungurwa kw’isi, PAM riti: “Ikigoyi kiza catanguye kwibonekeza muri ivyo bihugu, nticari bwakabeho mu myaka cumi iheze. Ni ivyago mu makungu."

Ikigo ca Amerika kijejwe iterambere kw’isi, USAID, na co cemeza ko ubugararwa bwibonekeza muri Afurika y’ubumanuko kubera ubushuhe bwinshi, bwaheruka kuja ku rugero buriko haraheze imyaka 100.

Ku bwa PAM, abana bagera ku miriyoni 21 bo mu bihugu bigeramiwe na El Nino, bari mu bibazo vyo gufungura nabi kubera umwimbu utabonetse neza.

Tomson Phiri avugira PAM yabwiye abamenyeshamakuru ko bizobandanya kunyuka. Yagize ati: “ Iki gihe ni kibi cane mu bindi vyose vyabayeho mu vyerekeye ubukene bw’imfungurwa. Bizobandanya vyunyuka ku kwezi ku kwezi, kugera mu kwa gatatu n’ukwa kane ko mu mwaka uza. Nta mwimbu wabonetse. Ibigega biragaragara. Abana baronka ico bafungura rimwe ku munsi ni abanyamahirwe”

ONU ivuga ko kugira ifashe ababangamiwe, ikeneye vyihuta imiriyoni 369 mu madorari ya Amerika. Aho bikomereye ariko ku bwa ONU, ni uko aya mafaranga aza yiyongera ku yandi akenewe kugira abageramiwe n’intambara muri Gaza na Sudani na bo bashigikirwe (AP).