Isirayeri Isaba Abanyagihugu bo mu Bisagara 25 vya Libani Gukinjura

Ibitero Isirayeri yagavye mu gisagara citwa Aitou co mu bumanuko bwa Libani vyahitanye abantu 18. Igisagara Isirayeri yateye ciganjemwo abakirisu.

Ishirahamwe ritabara imbabare kw’isi, Croix Rouge, ryatanze ano makuru rivuga ko ivyo bitero vyakomerekeje abantu bane, bisambura inzu yegerenirijwemwo abateshejwe izabo.
Isirayeri yigamvye ibitero vy’uno munsi, ivuga ko mu bo vyahitanye harimwo umusirikare mukuru wa Hezbollah yitwa Muhammad Kamel Naim.

Igisirikare ca Isirayeri cagabishije abanyagihugu bo mu bisagara 25 vya Libani, kibasaba gukinjura. Isirayeri igabishije mu gihe uno munsi yongeye gusaba ishimitse inteko za ONU ziri muri Libani kuva muri ico gihugu zidatevye.

ONU ivuga ko bimwe mu bisasu vya Isirayeri vyaguye ahari amakambi yayo muri Libani. Impande zitandukanye zirimwo Hezbollah n’incuti za Isirayeri zateye ivyatsi ivyo bitero vya Isirayeri ku makambi ya ONU.

Mu gihe Isirayeri ivuga ko vyanke bikunde ibwirizwa kwihora ibitero Hezbollah yayigavyeko mu ntango za kuno kwezi, ibiro bikuru vya gisirikare muri Amerika, Pentagon, vyatangaje ko bigiye kurungikira Isirayeri ingabo n’ibikoresho birimwo ivyo gusambura ibisasu vya misile.

Hagati aho, Isirayeri yemeza kandi ko muri Libani yahasanze ibirwanisho vyinshi Hezboallah yahawe na Irani hamwe n’Uburusiya. Isirayeri ivuga ko ifise amakuru y’uko Hezbollah yari yiteguriye kuyigabako ibitero vyinshi mu buraruko bwayo.

Tukivuga ku vy’intambara ya Isirayeri na Hezbollah, Ubwongereza uno munsi bwashize mu bihano abategetsi batandukanye ba Irani, bagirizwa uruhara mu bitero Hezbollah yagavye muri Isirayeri mu ntago z’uku kwezi.