Ukraine Yizera ko Intambara Irimwo n'Uburusiya Izohera mu 2025

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, uri mu rugendo mu gihufu cy’Ubudage, yatangaje ko ashaka ko ingwano hagati y'igihugu ciwe n'Uburusiya irangira mu mwaka uza w'i 2025.

Zelensky ari mu rugendo mu Budagi gusaba ko ico gihugu kIbandanya kuronsa iciwe imfashanyo ya gisirikare. Mu gihe Ukraine igiye kwinjira mu gihe c’ubukanye kigira gatatu kuva ingwano n’Uburusiya itanguye, Zelensky muri urwo rugendo rw’imisi ibiri yagize ku mugabane w’Ubulaya, ariko asaba ibihugu bicuditse kubandanya bimushigikira.

Imbere y’uko ashika mu Budagi kuri uyu wa gatanu, Zelensky yaragendeye kandi ibihugu vy’Ubwongereza, Ubufransa n’Ubutaliyano

Mu rugendo mu gihugu c’Ubudagi kuri uyu wa gatanu, Prezida Zelensky yashimiye ico gihugu kuba kibandanya gufasha Ukraine. Yavuze ko binekewe cane ko iyo mfashanyo itagabanuka mu mwaka utaha w’i 2025.

Yatangaje ko Abanyaukraine bashaka ko ingwano, yasambuye igihugu, ihitana n’ubuzima bw’abantu batari bake, irangira ningoga. Umushikiranganji wa mbere w’Ubudagi, Olaf Scholz, yemereye Prezida Zelensky ko Ubudagi n’ibihigu bikorana vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Ubulaya bizorungikira Ukraine ibindi birwanisho vyo kwivuna umwansi muri uyu mwaka. Yavuze ko igihugu ciwe kizoha kandi Ukraine imfashanyo y’imiyiraridi 5 y’amayero mu mwaka uza w’i 2025. (AFP)