Reta y'Uburundi Yashinze Umurwi Wiga Ibiciro by'Ibintu Nkenerwa

Abavugizi ba Reta y'Uburundi

Abavugizi b’inzego zitandukanye za reta y’Uburundi bari baramutse bishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru kuri uyu wa 11 ukwa 10. Ico kiganiro cabereye ku murwa mukuru w’intara ya Bururi, aho n’abanyagihugu bahawe akaryo ko kubaza akababakiye.

Mu bibazo abavugizi babajijwe, harimwo ikijanye n’iduzwa ry’igiciro c’isukari riheruka kugirwa n’ishirahamwe ririhingura, kikava ku 3300, kikaja ku mafaranga 8000.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Gatoni yamenyesheje ko iryo duzwa ryababaje cane umukuru w’igihugu, rituma ashinga umugwi wiga igiciro c’ibikenerwa kugira Sosumo ishobore guhingura ikiro c’isukari, bibe ari vyo bifatirwako mu gushinga igiciro, kandi akaba yemereye Abarundi ko igiciro kizogabanywa.

Ku kibazo c’ibitoro vyo mu bwoko bwa mazout n’ubu kitaboneka, uwo muvugizi nyene yijeje Abarundi ko ubuhinga bakoresheje mu gukura mu nzira ikibazo c’ubukene bwa risansi ari na bo bariko barakoresha, ni ukuvuga kugurira igitoro mw’ihinguriro, bakareka gutuma abadandaza bakora ibintu bihombesha igihugu.

Muganga Poycarpe Ndayikeza avugira ubushikiranganji bw’amagara y’abantu yamenyesheje ko mu burere bw’ubuvuzi bugera kuri 33, hariko haravurirwa abagwayi bafashwe n’ibihara vy’inkende bagera ku 500, abagera ku 589 na bo bakaba barakize, basubizwa mu mihana iwabo, kandi nta wurahitanwa n’ico kiza.

Ikibazo c’ubwinshi bw’abapfungwa na co nticasigaye inyuma. Abamenyeshamakuru bati: Hari abahejeje igihano, ariko bakagumizwa mu gasho. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane yijeje ko vuba, intonde z’abarekurwa zihejeje gutosorwa, bazoca barekurwa. Ikindi kiriko kirakorwa ni ugusubiriza umunyororo ibikorwa ku bapfunzwe bagirizwa ivyaha bitobito bikaba vyaratanguye gukorwa mu ntara nka zose z’igihugu.

Ku kibazo c’abana baja gukoreshwa ibikorwa biremeye bavuye mu Burundi, uwo muvugizi yamenyesheje ko bigoye gutuza ababajana i Tanzaniya, kuko bakingirwa ikibaba n’abavyeyi babo n’abo mu kibano, bigatuma ababikora badafatwa kugira bahanwe.

Yasavye ko abaja gupagasa boba bafise impapuro zibibemerera kugira bazomareyo igihe basavye, ata wubakomakoma. Ikindi kibazo cabajijwe cerekeye kumenya iyo umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akura uburyo bwo gutunganya amanama mpuzamakungu y’ikigo asanzwe arongoye OPDAD.

Ku kibazo c’ababuriye kw’ishure i Kibimba mu 93 batemererwa nk’abandi gushira ingori z’amashurwe ku cibutso cubatswe kuri uwo mutumba, Petero Nkurukiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ bw'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano, asigura ko reta itokwemera ko ku musi wo kwibuka incungu ya Demokarasi Ndadaye Melchior ata bindi birori vyotegurwa, ahubwo abo babuze bokwifatanya n’abandi.

Abasirikare na bo bari gufasha kugarukana amahoro hanze y’Uburundi batacemererwa gutuma kugira ababo batore uburyo bafise mu bubiko kugira batunge imiryango ni ingingo yafashwe ku neza y’amatungo y’abo basirikare. Baratuza Gaspard avugira urwo rwego asigura ko igihe abo basirikare bari bemerewe ko amafaranga yabo abikurwa n’abo bagenye, basanze ubutunzi bwabo bwibwa, bikavyura amatati, bahitamwo kubihagarika.