Kwegereza Ubutegetsi Abenegihugu Biracafise Intambamyi Nyinshi mu Burundi

Gervais Ndirakobuca, Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’Uburundi

Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’Uburundi yarakoranije inama yo kurabira hamwe aho ubushikiranganji butandukanye bugejeje kwitegurira kwegereza ubutegetsi abanyagihugu nk’uko biri mw’itegeko rigenga intwaro y’amakomine rishasha.

Basanze intambwe ikiri ndende kuko hari intara, amakomine n’amazone zitagira inyubakwa zikwiye zizokoreramwo.

Iyo nama yari yitabwe n’abashikiranganji, abanyamabanga ntayegayezwa babo hamwe n’abayobozi bakuru bo mu bushikiranganji mu gisagara ca Bujumbura.

Umushikiranganji wa mbere yashaka kumenyesha abo bakozi bakurubakuru bo mu bushikiranganji ko itegeko rihindura ukugene intara, amakomine, amazone n’imitumba ritegerezwa kuja mu ngiro guhera mu kwezi kwa gatanu k’umwaka uza, amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka arangiye.

Kuri we, iryo bwirizwa rizotuma kandi intwaro mu makomine ihinduka, ubutegetsi bukegera abanyagihugu.

Avuga ko ivyo ari vyo vyatumye intara zahora ari 18 zigabanywa gushika Kuri 5, amakomine yahora ari 119 akaba 42 ariko amazone akongerakana akava ku 451 gushika ku 3044.

Abari bitavye inama basanze izo mpinduka zisaba umwiteguro kandi hakaba hasigaye umwanya muto. Uwurongoye ikigega c’iterambere ry’amakomine ati hariho intara za Gitega na Butanyerera zitagira aho zizokorera kuko aho zisanganywe ari hato.

Your browser doesn’t support HTML5

Kwegereza ubutegetsi abenegihugu mu Burundi