OMS: Ibihara vy'Inkende Bimaze Guhitana Abantu 844 Bagwiriyemwo abo muri Kongo

Republika ya Demokarasi ya Kongo uno munsi ku wa gatandatu yatanguye gutanga incanco zo gukingira ikiza c’ibihara vy’inkende, kigisibije muri ico gihugu.

Incanco za mbere na mbere zatangiwe kw’ivuriro riherereye mu gisagagara ca Goma kiri mu buseruko bwa Kongo.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwavuze ko incanco zimaze kuboneka ari nke cane. Kugera ino saha, Kongo ifise incanco ibihumbi 265 gusa. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko mu minsi iri imbere, bwizeye yamara kuzoronka izindi.

Intambwe itanguye yo gucandaga ibihara vy’inkende, ifatwa nk’intambwe ya mbere ije kuvanaho ubusumbasumbane bwahabaye mu gucandaga uwo mugera mu 2022, aho Afurika yasigaye inyuma, mu gihe Amerika n’Uburayi vyatanze ku bwinshi doze zibiri z’izo ncanco.

Ishami rya ONU ryitaho amagara y’abantu, OMS, ryemeza ko ku mugabane wose wa Afurika, abamaze guhitanwa n’uwo mugera muri uno mwaka ari 844. Abawanduye ibihumbi 32 n’amajana umunani. Ibihugu wamaze kugeramwo ni 13 nkuko OMS ivyerekena mu biharuro vyayo bishasha. Baba abanduye, baba abo umaze guhitana, benshi ni abo muri Kongo. Kugera ino saha, Kongo ifatwa nk’ikirindiro gikuru c’iyo virusi.