Visi Perezida wa Kenya Arasaba Sentare Guhagarika Umugambi w'Abashaka Kumwirukana

Visi perezida wa Kenya Rigathi Gachagua

Visi Prezida wa Kenya, Rigathi Gachagua, yandikiye sentare nkuru i Nairobi, ayisaba guhagarika umugambi w’abaheruka gusaba ko akomborwa mu mabanga yiwe.

Ku wa kabiri w’ino ndwi, ni ho impande zitandukanye zegereye Prezida William Ruto, zandikiye inama nshingamateka ya Kenya, zisaba ko akomborwa.

Abandikiye inama nshingamateka bamwagiriza ivyaha bigera kuri 11 birimwo kubiba urwanko rushingiye ku bwoko mu bantu, gusuzugura reta, kugira ubutunzi budasobanutse burimwo amazu n’inyubakwa nyinshi, no kuba inyuma y’imyiyerekano ikkomeye, iheruka kuba muri ico gihugu.

Visi prezida wa Kenya, Rigathi Gachagua, arahakana yivuye inyuma ivyo yagirizwa vyose. Avuga ahubwo ko yakumiriwe n’ubutegetsi arimwo.

Mw’ikete yandikiye sentare nkuru ya Kenya, yavuze ko umugambi wo kumwirukana wuzuyemwo “ibinyoma, ata yindintumebro bifise atari ugusuzugura abanyayihugu bamwizeye, bakamutora mu 2022”

Rigathi Gachagua, akomoka mu karere kitwa Mount Kenya, karimwo abantu benshi. Yaragize uruhara runini mu guhimiriza abantu kugira batore ku bwinshi, Prezida William Ruto.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, dukesha ino nkuru, rivuga ariko ko icuka kimaze iminsi, kitari ciza hagati ya Ruto na visi prezida wiwe. Ikindi, igihagararo n’inguvu za Rigathi Gachagua “vyaragabanutse cane kuva aho Prezida Ruto ageneye bamwe mu batavuga rumwe na reta yiwe mu mabanga atandukanye.

Prezida William Ruto ntarigera avuga ku mugaragaro ico yiyumvira ku basaba ko visi prezida wiwe akomborwa. Ibiro vyiwe na vyo vyihojeje amaterefone y’abanyamakuru bagerageje kumenya ico yiyumvira kuri ico kibazo.

Inama nshingamateka ya Kenya, ejo ku wa gatanu, ni ho izotangura kwakira inzandiko z’abanyagihugu bipfuza ko Rigathi Gachagua atabandanya kuba visi prezida wa Kenya. Ku wa gatatu w’indwi iza azaca aja kwisigura imbere y’abashingamateka bazomubaza ibibazo bitandukanye ku birego vyose vyose yagirizwa.

Visi Prezida Gachagua yavuze ko gutangura kwakira ivyipfuzo vy’abashaka ko akomborwa imbere y’uko yisigura, bihonyanga uburenganzira bwiwe bwo gucirwa urubanza rudahengamye.