USA: Abakandida Visi-Prezida Baraja Impari kuri Televiziyo CBS

Impari zo guhatanira amatora y'Amerika azoba mu kwezi kuza

Bulamatari wa Reta ya Minnesota, umudemokrate Tim Walz, na Senateri JD Vance w’umurepublikani, kuri uyu wa kabiri mw’ijoro baraja impari, mu gisagara ca New York. Baragaruka ku migambi bafitiye Abanyamerika imbere y'amatora y'umukuru w'igihugu azoba mu kwezi kw'icumi na rimwe kw’uyu mwaka muri Amerika.

Tim Walz azohiganwa mu mabanga y’icegera c’umukuru w’igihugu ari kumwe Visi Prezida Kamala Harris yagenywe guhiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Ku rundi ruhande, JD Vance azohiganwa nk’icegera c’umukandida w’Umurepublikani Donald Trump.

Tim Walz na JD Vance bariko bagerageza korondera amajwi y’Abanyamerika mu gihe hasigaye igihe kirenga gitoyi ukwezi imbere y’uko amatora ya prezida aba mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka.

Impari hagati ya Tim Walz na JD Vance ni zo zonyene zitegekanijwe hagati yabo. Nta zindi mpari zitegekanijwe kandi ku bakandida bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, Kamala Harris na Donald Trump. Ibiharuro vy’amajwi biherutse gushirwa ahabona vyerekana ko Kamala Harris ari imbere gatoyi y’uwo habiganwa, Donald Trump. Yamara mu mareta amwe amwe baregeranye cane.

Abanyamerika mu mareta 6 kuri 50 baza baratanguye gutora. Impari zo kuri uyu wa kabiri ziraba mu gihe igitigiri c’ayo mareta kigiye kwiyongera. Ayandi mareta 16 abanyamerika bavyyipfuza bazoshobora gutangura gutora imbere kw’itariki 16 y’uku kwezi kw’icumi. (VOANEWS)