Prezida wa Kenya, William Ruto, kuri uyu wa kane, yatangaje ko igihugu ciwe kizoheraheza mu kwezi kwa mbere, igikorwa caco co kurungika inteko zose zijejwe kugarukana umutekano muri Hayiti. Yasavye ko amakungu yongereza mafaranga agenewe gufasha ibihugu vyemeye gutanga inteko muri Haiti.
Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa kane inama rusangi y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, i New York, Prezida Ruto yavuze ko igihugu ciwe kizorungika abandi bapolisi bazotuma gikwiza igitigiri ca 2.500 mu kwezi kwa mbere mu mwaka uza.
Prezida Ruto yavuze ko gutanga amafaranga agenewe igikorwa co kurwanya akajagari n’ubugizi bwa nabi muri Hayiti cabaye ikibazo. Kenya n’ibindi bihugu vyo mu karere ka Karayibe hamwe n’umugabane wa Afrika, biriteguriye gurungika inteko muri Hayiti. Yamara ivyo bihugu ntibifise ibikoresho n’amafranga bihagije.
Prezida wa Kenya, William Ruto, yasavye ibihugu bigize ishirahamwe ONU kwifatanya n’abanyagihugu bo muri Hayiti mu kubaronsa imfashanyo bakeneye. Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku musi wa gatatu, yaratangaje ko izotanga imiliyoni 160 y’amadolari y’imfashanyo nshasha igenewe Hayiti.
Kuva mu mwaka w’i 2021, Amerika imaze guha Hayiti imfashanyo igera ku muliyaridi n’imiliyoni amajana atatu. Imirwi y’inkozi z’ikibi igenzura ibice biranga 80 kw’ijana vy’umurwa mukuru wa Hayiti, Port-au-Prince, hamwe n’amabarabara akomeye ari mu gihugu.