Icegeranyo umurwi ujejwe ivy'ubutunzi mu nama Nshingamateka y'Uburundi wasohoye kuri uno wa mbere, cerekana ko kuva mu 2010, gutunganya imishahara y'abakozi ba reta y'ico gihugu bikorwa n’abanyamahanga bari hanze y'Uburundi.
Nk’uko biboneka muri ico cegeranyo, abanyamahanga batunganya imishahara y'abakozi ba reta y'Uburundi babihemberwa amafaranga menshi. Bamwe mu bashingamateka b'ico gihugu, bashikirije amakenga, bavuga igikorwa nk'ico kitari gikwiye gushirwa mu minwe y'abanyamahanga.
Umwe muri bo yagize ati:" Turabuze abahinga b'inzobere, bize ubuhinga bwa bone, bashobora kudufasha, igihugu ntikize kirahahombera"? Uwundi nawe yunga mu ry'uyu ati:" Urazi imyaka igihugu kimaze cikukiye? Nticobandanya gihereza ivyerekeye ingene amahera ya reta atunganywa abanyamahanga."
Raporo y'umurwi ujejwe ivy'ubutunzi mu nama Nshingamateka y'Uburundi, yerekana ko abanyamahanga batunganganya imishahara y'abakozi ba reta y'Uburundi, barimwo abo mu gihugu ca Tuniziya.
Bamwe mu bashingamateka bavuze ko ibi vyerekana ko ubwigenge bw’igihugu bwahonyanzwe igihe kirere, kandi biboneka ko hari bamwe mu bakozi ba reta babifisemwo inyungu.
Ayandi makenga yashikirijwe na bamwe mu bashingamateka, agaruka ku buhinga " Butizewe abanyamahanga batunganya iyo mishahara bakoresha". Umwe mu bafise aya makenga yavuze ko " Ibiharuro babonye biteye ubwoba. Hari nk'ahanditse ko hari abakozi bafatwa nk' abatanguye gukora akazi ka reta kuva mu myaka y'amajana abiri na gatatu" Uwashikirije ano makenga agaca agira ati:" Iyo logiciel idashobora kumenya ko ata mukozi ashobora gukora imyaka irenga igihumbi n'amajana umunani mwoyiha icizere kingana gute ?"
Kuri ico kibazo, icegera ca mbere c’uwurongoye inama nshingamateka, Sabine Ntakarutimana, na we avuga ko ubwigenge bw’igihugu bwahonyanzwe. Yaciye asaba umushikiranganji ajejwe abakozi gusigura ikiriko kirakorwa kugira imishahara y’abakozi ntisubire gutunganywa n’abanyamahanga.
Umushikiranganji Venuste Muyabaga ajejwe abakozi n’akazi yemeye ko habaye amakosa akomeye, akaba yasiguye ko hari ibiriko birakorwa kugira gutegura imishahara y’abakozi bive mu minwe y’abanyamahanga ku neza y’igihugu.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Thierryve Ndayishimiye, akorera Ijwi ry'Amerika.
Your browser doesn’t support HTML5