Ibiziga vyariko birabora vy'abantu batari musi ya 30 vyatowe mu bwato mw'ibahari Atlantike hafi y'ibilometero 70 vy'umurwa mukuru wa Senegal, Dakar. Igisikare catangaje iyo nkuru kuri uyu wa mbere.
Igisirikare kirwanira mu mazi ca Senegal, ku muhingamo wo ku musi w’Imana, cararonse amakuru avuga ko hari ubwato bwasa n’ubwari bwazimiye mw’ibahari Atlantike. Catangeje ko ubwato bw’igisirikare ca Senegal bwariko bugenzura muri iyo bahari bwaciye burungikwa buno nyene muri ico gice. Gushika ubu, ibiziga vy’abantu 30 biramaze gutorwa.
Kumenya abari muri ubwo bwato si igikorwa coroshe kubera ibiziga vyari bimaze kwononekara cane.
Inzira yo mw’ibahari Atlantika ishikana mu mazinga ya Canaries irakoreshwa cane n’abimukira bavuye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, baba barondera kwinjira muri Esipanye. Yamara ni imwe mu mayira abantu isinzi bapfiramwo kurusha ayandi kw’isi.
Abimukira bagera ku 5.000 barapfuye mu mazi y’ibihari Mediterane mu mezi ya mbere y’uyu mwaka w’i 2024 bariko barondera gushika mu mazinga ya Canaries.
Ivyo vyatangajwe mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka n’ishirahamwe riharanira uburengenzira bw’abimukira, Walking Borders. (REUTERS)