Biden: Abacungera Umutekano w'Abanyapolitiki Bakeneye Gufashwa Kurushiriza

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joe Biden, kuri uyu wa mbere, yatangaje ko abajejwe gucungera umutekano w'abategetsi bakomeye barimwo umukuru w'igihugu n'icegera ciwe hamwe n'abahoze ari abakuru b'igihugu bakeneye gufashwa kurushiriza mu gikorwa cabo.

Prezida Joe Biden yabitangaje inyuma y’uko ibintu biboneke ko wari umugambi wo kugandagura Donald Trump yahoze ari Prezida, utesherejwe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, imbere y’uko yinjira mu ndege ya kajugujugu itwara umukuru w’igihugu izwi kw’zina Marine One, Prezida Biden yashimiye Imana kubona Trump ata co yabaye.

Prezida Joe Biden yavuze ko bigaragara ko abajejwe gucungera umuekano w’abategetsi bakomeye muri Amerika, bakeneye gufashwa kurushiriza. Yavuze ko Kongre ya Amerika itegerezwa kubaronsa ivyo bakeneye. Yavuze ko urwego bakorera rushobora kuba rukeneye abandi bakozi biyongera ku bahari.

Abajejwe gukingira umutekano wa Donald Trump bararashe umuntu yari yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa AK-47, yari hafi y’ikibanza Trump yariko akiniramwo golf mu gisagara ca West Palm Beach muri reta ya Florida ku musi w’Imana w’iyi ndwi turangije.

Ibiro bijejwe gutohoza ivyaha muri Amerika, FBI, vyatangaje ko biriko biratohoza ivyabaye nk’igeragezwa ryo kugandagura Trump. Uyo mugambi wo kugerageza kundagura Trump, ubaye amezi abiri gusa inyuma y’uko Trump, ariko yiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka, arashwe ku gutwi n’inkzi y’ikibi, igihe yariko yimamaza mu gisagara Butler, muri Reta ya Pennsylvania. (CBS)