Amerika Yibutse Ibitero vy'Iterabwoba Yakorewe mu 2001

Abategetsi bakuru muri Amerika bibuka ibitero by'iterabwoba byabaye mu myaka 23 ishize

Prezida wa Amerika Joe Biden, n'icegera ciwe Kamala Harris, na Donald Trump yahoze ari Prezida baserutse bari hamwe kuri uyu wa gatatu mu kibanza kiri i New York, kwibuka abantu bagera ku 3,000 bahitanywe n'ibitero vy'iterabwoba vyabaye kw'italiki 11 y'ukwezi kw'icenda mu mwaka w'i 2001.

Amazina y’abishwe kuri iyo taliki haraheze imyaka 23 yasomwe. Ico gihe indege zitwara abantu zari zanyurujwe n’abakora iterabwoba zarasenyuye inyubakzwa zibiri ndende cane zakorerwamwo imirimo y’ubudandaji i New York. Iyo taliki yama yibukwa uko umwaka utashe. Yibutsa ibitero vy’abiyahuzi b’umurwi Al-Qaida bakoze ibitero i New York n’i Washington DC.

Prezida Biden imbere yaho yashimagije abo bose batakaje ubuzima bwabo kubera ibitero mu kw’italiki 11 y’ukwezi kw’icenda mu mwaka w’i 2001. Yashimagije kandi Abanyamerika ibihumbi amajana n’ajamana binjiye mu gisirikare kugira bafashe igihugu cabo inyuma y’aho. Yavuze ko bari mu bafashije gufata no kwica Osama bin Laden yateguye ibitero vyo msu kwaka w’i 2001.

Prezida Biden yatangaje ko benshi mu binjiye mu gisirikare bagiye kurwana muri Afuganistani, Iraki n’ibindi bice vyariko biberamwo ingwano. Yatangaje ko adafise amajambo yo kubashimira bihagije ku kwitanga kwabo, berekanye. (VOANEWS)