Abategetsis b’Abanyapalestina batangaje ko abantu batari musi ya 19, bishwe mu gitero ca misile Israyeri yakoze, kuri uyu wa kabiri, mu kibanza cuzuranyemwo abantu benshi kigenewe Abanyapalestina bavuye mu vyabo mu ntara ya Gaza. Abandi 60 bakomeretse.
Iyo nkuru yatangajwe n’ubushsikiranganji bujejwe amagara y’abantu bw’Abanyapalestina. Amakuru y’ubushikiranganji bujejwe amagara bw’Abanyapalestina yavuze ko misile zitari musi ya zine zarashwe mu kibanza ca Al-Mawasi kiri hafi y’ikibanza ca Khan Younis mu masaha ya kare yo kuri uyu wa kabiri.
Israyeri yatangaje ko yariko igiha abo ivuga ko ari abarwanyi b’umurwi Hamas batari bake bakorera muri ico gice. Umurwi Hamas wahakanye ivyatangajwe na Israyeri vy’uko abarwanyi bawo bakorera mu karere yakozemwo ibitero vyo kuri uyu wa kabiri. Wavuze ko ari ibinyoma bigaragara.
Haba Israyeri canke umurwi Hamas, nta ruhande na rumwe rwatanze ivyemezo bishigikira ivyo rwatangaje. Israyeri yarakoze ibitero bitari bike vyihaye inkumbi muri uyu mwaka mu gice ca Al-Mawasi, amashirahamwe ajejwe gutabara avuga ko cakiye aabantu barenga 380,000.
Abajejwe gutabara babandanya kurondera abahitanywe n’igitero ca Israyeri co kuri uyu wa kabiri hamwe n’aboba bagifatiwe mu bisigarira vy’ivyasambutse. Batangaje ko imiryango mizima yishwe mu mahema yabamwo. (VOANEWS)