Uganda: Polisi Irahakana ko Itigeze Irasa Bobi Wine Atavuga Rumwe na Museveni

Bobi Wine atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Uganda

Umunyapolitike Bobi Wine aza imbere mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Uganda yavuye mu bitaro. Umugambwe wiwe uvuga ko abapolisi bamuteye igisasu kirimwo ivyuka vyokera mu kuguru, ejo ku wa kabiri.

Imbere y’uko ava mu bitaro vya Nsambya yarayemwo ijoro rimwe, Abamuburanira bari babwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko abaganga bari bavuze ko bategerezwa kumubaga, kugira bamukuremwo ibisigarira vy’ivyamwinjiye mu kuguru, bivuye ku gisasu kirimwo ivyuka bikoroza amosozi, umugambwe wiwe n’abamuburanira bemeza ko abapolisi bamuteye kandi ku bushake.

George Musisi aburanira Robert Kyagulanyi yamenyekanye kw’izina rya Bobi Wine yavuze ko uwo aburanira yatoye mitende.

Itangazo polisi ya Uganda yasohoye mu kanya rigira riti: “ Robert Kyagulanyi yari yatumiwe na Musisi amuburanira mu birori vy’umuganuro vyabereye mu karere ka Mulindo kari ku birometero 20 uvuye I Kampala ku murwa mukuru wa Uganda. Ari mu nzira atahuka, we n’abo bari kumwe, bava mu muduga batangura gukora ico polisi yise imyiyerekano. Igipolisi kiti: Twarababujije, ariko banka kumva babandanya kwiyerekana, bazibira ibarabara, gutyo baba baradusotoye."

Igipolisi ca Uganda cemeza kandi ko gifise amasanamu yerekana abayoboke ba Bobi Wine bariko batera amabuye abapolisi, baburabuza abaca mw’ibarabara barimwo n’ibindi bikorwa bashize mu murwi w’ubugumutsi.

Itangazo Ijwi ry’Amerika rifitiye kopi ryemeza ko umwe mu bapolisi batatu boba barakomerekejwe n'amabuye y'abayoboke ba Bobi Wine aremvye. Rivuga kandi ko bamenaguye imodoka zibiri z’igipolisi ca Uganda.

Umugambwe wa Bobi Wine n’abamuburanira barahakana ivyo igipolisi kibagiriza. Bavuze ko abanyagihugu babonye Bobi Wine, baca basidukana n’iyonka kumushengerera; abapolisi nabo baca babashwaramwo, babamijaguriramwo amasasu n’ivyuka vyokera. “Bobi Wine ni nako guhava ava mu muduga, abaza abapolisi ikibaye, n’igituma barasa, bidatevye na we bamurasa n’ibigarankana ku kuguru.” Ni ko babisigura.

Igipolisi co muri Uganda cemeye ko kigiye gutangura amatohoza ashingiye ku vyagiriji vy’uko uwo munyepolitike w’imyaka 42 yoba yararashwe. Ariko, aha kikavuga ko amatohoza azobanziriza ku kumenya icatumye haba urwo ruhagarara.

Umugambwe wa Bobi Wine, NUP, usaba irekurwa ryihuta ry'abanywanyi bawo bane bafashwe ku wa kabiri.

Robert Kyagulanyi yamenyekanye kw’izina rya Bobi Wine, aza imbere mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Prezida Yoweri Kaguta Museven wa Uganda Mu matora ya 2021, ni we yari ahanganye cane na Museveni mu matora ya prezida. (AFP)