Burkina Faso: Reta Ihanzwe n'Abababajwe n'Iyicwa ry'Abanyagihugu 400

Reta ya Burkina Faso irahanzwe n’abanyagihugu bashavujwe n’abaguye mu bitero vy'intagondwa z'abayislamu, mu kwezi kw'umunani kw'uyu mwaka mu gisagara ca Barsalogho kiri hagati mu gihugu.

Imiryango yabuze abayo ivuga ko abantu 400 bishwe. Bagirije abategetsi ko banumya abo bose bagerageje kuvuga ku vyabaye. Ishavu ry’ababuze ababo ririko rituma abasirikare bayoboye Burkina Faso baremerwa kurushiriza.

N’abategetsi b’amadini bifatanije na bo mu kunebagura inyifato ya reta kuri ubwo bwicanyi bwabaye..

Kw’italiki 24 y’ukwezi kw’umunani kurangiye, intagondwa z’abayislamu zarishe abantu batari bake mu bwicanyi bwo mu gitero kimwe butari bwaboneke mu mateka ya Burkina Faso kuva ibitero vy’imirwi ikorana n’umurwi al-Qaida na reta ya kiyislamu bitanguye gutandukira ico gihugu, bivuye mu gihugu bihana imbibe ca Mali mu mwaka w’i 2015.

Nta vyinshi abategetsi b’abasirikare bayoboye Burkina Faso baravuga ku vyabaye, uretse kuvuga ko abasivile n’abasirikare bishwe. Nta gitigiri c’abishwe batanze.

Barsalogho ni kimwe mu bisagara bitari bike bigeramiwe n’abarwanyi b’abayislamu. Ababa muri ivyo bisagara bagerageje kubivamwo bashobora kwicwa canke bakanyuruzwa. (REUTERS)