Abahitanywe n'Imvura Imaze Iminsi Igwa muri Nijeriya Bageze Hafi ku 180

Imvura y’isegenya imaze iminsi irwa muri Nijeriya imaze guhitana abantu baba 200, ikura mu vyabo abagera ku bihumbi hafi amajana abiri na cumi, isenya amazu menshi atatangajwe igitigiri n’imirima

Igisata kijejwe gukinga ibiza muri ico gihugu catanze ibi biharuro uno munsi ku wa gatandatu, kivuga ko ama reta yasinzikaye cane ari 28 kuri 36 agize ico gihugu. Ico gisata kivuga ko iyo mvura yabangamiye cane uburaruko bwa Nijeriya izotuma haba ikena ry’ibiribwa.

Ubutegetsi bwa Nijeriya buvuga ko butariko buroroherwa mu bikorwa vyo gutabara ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abanyagihugu, kubera amabarabara yari asaznwe ari mabi, n’ingomera zuzuye.

Igisata kijejwe gukinga Ibiza cagabishije kivuga ko mu minsi iri imbere. Imvura ishobora kubandanya irwa cane. Ico gisata cavuze ko hari abanyagihugu bo mu burere bumwe bumwe babwirizwa kwimurwa.

Muri Nijeriya imyuzure n’imvura nyinshi birakunze gutikiza inganda. Mu 2022, iyaguye yahitanye abantu 600 , itesha izabo umuriyoni.