Burundi: OIM Yabaye Irahagarika Ibikorwa vyo Kwimurira Impunzi muri Amerika na Canada

Mu Burundi hahagaritswe ingendo ku mpunzi z'Abanyekongo zija mu bihugu vya Amerika na Canada kubera indwara y'ibihara vy'inkende yibonekeza cane muri ico gihugu. Ivyo biremezwa na bamwe mu begereye abari bari ku rutonde rw’abagenda muri ivyo bihugu.

Nkuko amasoko y'Ijwi ry'Amerika abitubwira ni uko impunzi z’Abanyekongo zari ku ntonde za OIM(Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abimukira) zari zirindiriye kwimurirwa muri Amerika na Canada mu ndwi iheze zahagaritswe mu kiringo c’iminsi 21.

Imvo ya vyose ni irandagata ry’akaranda k’inkende ryibonekeza cane mu gihugu c’Uburundi aho amakuru ava mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu avuga ko uturere tw’ubuvuzi dushika kuri 29 kuri 49 tuba muri ico gihugu twamaze kugaragaramwo iyo ndwara.

Abo banyekongo bari bamaze kwitegura batekeye ama valise y’abo basezeye na bagenzi babo, ariko umunezero wabo wamaze akanya gato nkuko ababegereye babitwiganiye, aho OIM yahagaritse urwo rugendo rwabo mu ntumbero yo kubanza kubasuzuma kugira ngo ntibajane ako karanda mu bihugu bazoba bimuriwemwo.

Iyo ngingo ikaba yafashwe kubera ako karanda k’bihara vy'inkende Mpox kariko karibonekeza mu karere cane cane mu Burundi no muri Republika ya Demokarasi ya Congo.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rihabwa na bamwe mu begereye abo bakongomani bari biteguriye urugendo rwo kuva mu gihugu c’Uburundi berekeza muri Amerika na Canada ni uko bagenzi babo bageze muri ivyo bihugu bari biteguriye kubakira ariko amaso akaba yaraheze mu nzira.

Abo nabo bari ku rutonde rw’abagenda bavuga ko bababajwe cane n’ihinduka ryabaye ku rugendo rwabo kuko bari biteguriye ndetse banaryohewe kuba bagiye muri ivyo bihugu, ariko kandi bakavuga ko bizeye ko ikiringo bahawe ni gihera bazobandanya urugendo rwabo. Abo bose twavuganye ntibashimye kuvugira kuri micro zacu mu kurinda umutekano wabo wo kuba batemerewe gutanga amakuru.

Ayo makuru aremezwa kandi na bamwe mu barongoye ama kambi y’impunzi bavuyemwo. Uwavuganye n’Ijwi ry’Amerika mu barongoye ikambi imwe mu zo bavuyemwo zirimwo Kavumu, Bwagiriza, Gasorwe, Nyenkanda na Musasa ziri mu ntara za Ruyigi, Cankuzo, Muyinga na Ngozi. Avuga ko amakuru bayamenye ko bagenzi babo batabaye bacurira indege ibajana muri ivyo bihugu.

Uwo arongoye ikambi avuga ko ubusanzwe abajanwa na OIM bahora bamara indwi imwe gusa aho barindirira muri OIM mu gihe baba bariko barategurwa kugenda.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kurondera uburongozi muri OIM ishami rikorera mu gihugu c’Uburundi kugira ngo badutangarize ibijanye no gusivya urwo rugendo rw’abo banyekongo ndetse banatubwire ikiriko kirakorwa kugira ngo urugendo rwabo ruzobandanye inyuma y’iyo minsi 21 ariko ntitwabaronse.

Gusa umwe mu bakorera muri uyo muryango OIM Burundi atashimye ko amajwi yiwe yumvikana avuga ko OIM iriko irakorana cane n'abarongoye igisata c'amagara y'abantu mu Burundi n'indongozi za Amerika na Canada mu ntumbero yo gusubira gutunganya izo ngendo vuba.

Agira ati: Turatahura amakenga y'ibihugu vyakira izo mpunzi ku bijanye n'irandagata ry'uwo mugera ariko twizeye ko iki kiringo kizoba gito cane”.

Naho bamwe mu basigaye mu ma kambi y’impunzi bari barindiriye kuja ku rutonde rw’abagenda twaganiriye ariko banka kumvikana mu majwi n’abo bafise umubabaro n'umwiheburo ko bashobora gusiba kuja muri ivyo bihugu vya Canada na Amerika.

Umwe muri bo, yagize ati:" Nari mfise inyota yo gusubira kubonana n’umuryango wanje uri muri Etats-Unis, ariko, sinzi igihe nzosubirira kubabona"


Uko guhagarika izo ngendo kuri abo, kuje inyuma y’uko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu Burundi butangaje ku mugaragaro ko ikiza c’ibihara vy'inkende carandagase cane mu Burundi. Umushikiranganji Lydwine Baradahana yabishikirije mu minsi mikeyi iheze aho yasavye abarundi kwirinda iyo ndwara mu gukaraba neza n’ibindi.

Gusa naho biri uko abanyagihugu baba mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura na cane cane bavuga ko bigoye kubishira mu ngiro kuko bugarijwe n’ikibazo c’ibura ry’amazi . Bagasigura ko kugira isuku bigoye cane muri kino gihe.

Kuronka amazi yo gukaraba meza bikaba bikigoye cane kuri abo banyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura kuko mw’ishirahamwe REGIDESO rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba bavuga ko ntamuti babona kugira amazi akwiye aboneke.

Dr Ir Major Jean Albert Manigomba, umuyobozi mukuru wa REGIDESO kuri micro z’abakunzi bacu, avuga ko amapompo atanga amazi ashaje cane. Nawe ntabona umuti urama kw’ikena ry’amazi mu gisagara ca Bujumbura.

Indwara y’ibihara vy' inkende gushika ubu igeramiye cane Uburundi na Congo muri kano karere. Naho igihugu ca congo kiza imbere mu bigeramiwe, Uburundi nabwo bufise ibitigiri binini vy'abanduye mu karere.

Kuwa 20 ukwezi kwa munani 2024 abantu barenga 170 bari bafashwe na Mpox ku bice 45.3 kw'ijana vy'abakenyezi mu gihugu. Abana n'imiyabaga bari ku bice 60 kw'ijana, abana bari musi y'imyaka itanu bakaba bari ku bice 21 kw'ijana nk'uko UNICEF iherutse kubitangaza.

Ibitigiri duhabwa n’abegereye abari ku rutonde rw’abagenda n’uko abarenga 120 ari bo bari bagiye kwerekeza muri Amerika na Canada. Uburundi bukaba bufise impunzi z’Abanyekongo barenga ibihumbi 80 barwiriyemwo abo bita Abanyamulenge.

Naho Ku wa 14 ukwezi kwa 8, ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu ryatangaje ko akaranda k'ibihara vy'inkende kabangamiye amagara y'abantu ku rwego mpuzamakungu n’uburundi burimwo.

Your browser doesn’t support HTML5

Burundi: OIM Yabaye Irahagarika Ibikorwa vyo Kwimurira Impunzi muri Amerika na Canada