Imyidogo ni myinshi ku rwaruka ruriko rurakora rusansuma y’abanyagihugu, inyubako, uburimyi n’ubworozi. Basaba reta kubagarukira ikabaronsa ivyankenerwa vyose bibafasha kugira ngo boroherwe kurangura igikorwa barimwo. Ivyo babivuga mu gihe rusansuma nyezina yotanguye kuri uyu wa 25 uku kwezi itaratangura.
Ahatandukanye mu gisagara ca Bujumbura canke mu gihugu hagati abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bashoboye gushika, harangwa umwiheburo mu bategerezwa gukora rusansuma y’abanyagihugu, inyubako, uburimyi n’ubworozi.
Bamwe n’udusakoshi twabo bari baryamye hasi ku zuba ubona ko ikigoyi kibarembeje. Abagifise utuguvu na bo, hari abari mu turwi, abandi umwe avaha agenda agaruka, hari n’ababazanye ico bokora bijijanya imitima ku ngingo yo kwitahira.
Mu myidogo myinshi bibaza uwobakura ku ruzuba n’inzara vy’iminsi ine, ubona ko benshi barambiwe. Uwo ugerageje kwegera ngo muvugane akanka kuvuga ku gutinyira umutekano wiwe. Abemeye kuvuga babicishije mu kwandika ubutumwa bugufi bwa whatsapp. Bose ntibashima ko umwidondoro wabo umenyekana.
Nk'umwe wo mu ntara ya Ngozi yagize ati: “Ni ibara. Tumaze indwi yose ata n’amazi tunywa. Ni ukuri, ntitubona ivyari vyo.”
Ku Mikoni muri commune Bukinanyana y’intara ya Cibitoke, abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bahahuriye n’abagiye kurondera ico bihembuza. Ni ku birometero birenga bine uvuye i Butara, aho baronkera inyigisho. Uwavuganye n’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika, yagize ati:
“Nk’ubu twari tuje kurondera ivyo turya turabibuze. Nta kintu na kimwe turakora, nta n’igikoresho na kimwe baraduha, ni ukwota izuba gusa. Abava kure bamaze kwitahira kubera kurambirwa. Yamara na jewe mukanya ndataha kuko mbona umenga ni ingorane gusa. Kurarira ibitumbura numva vyandambiye.
Mw’ishirahamwe ry’Urwaruka Nyafrika Mparaniramajambere AJAP, bavuga ko ibiriko biraba ku bari mu gikorwa ca rusasuma bibabaje kandi bari mu gikorwa c’iteka ry’igihugu. Bongerako ko imyidogo atari kuri abo bonyene.
Eric Nsengimana arongoye iryo shirahamwe ry’Urwaruka Nyafrika AJAP, asaba abajejwe gufata ingingo ko hokorwa ikibereye ku neza y’igihugu.
Rusansuma nyezina y’abanyagihugu, inyubako, uburimyi n’ubworozi yari gutangura kuri uyu wa 25 Myandagaro uyumwaka, igeze kuri uyu wa 27 Myandagaro hari abatararonswa igikoresho na kimwe.
Abo bamaze kugira ico bahabwa, bafise umwambaro w’umupira n’udukarata tw’umwidondoro. Ikijanye n’amaterefone bategerezwa gukoresha n’ibindi bigendana babwirwa ko ari ukurindira, mu gihe ku mugoroba wo ku wa 26 Myandagaro bamenyeshejwe ko bariko batunganya neza ubuhinga buzokoreshwa muri ico gikorwa.
Fyonda hasi wumve ibindi muri ino nkuru ya Desire Hatungimana.
Your browser doesn’t support HTML5