Hamas Ivuga ko Ititeze Kuja mu Biganiro vy'Amahoro na Isirayeri

Bamwe mu barwanyi ba Hamas bari I Cairo ku murwa mukuru wa Misiri, guhura n’abahuza mu matati uwo murwi wo muri muri Palestina ufitaniye na Isirayeri. Intumwa za Hamas I Cairo zirongowe n’umwe mu ndongozi z’uwo murwi, Khalil al-Hayya.

Itangazo Hamas yasohoye rivuga ko abahuza n’indongozi za Hamas baza gukorana ibiganiro ku vyafundikiwe mu bindi biganiro vyaheruka guhuza Isirayeri n’abahuza.

Hamas ivuga ko mu vyo ijanye imbere y’abahuza, harimwo ukwemera ivyasabwe na Amerika mu kwezi kw’indwi: Kurekura imbohe z’itambara zirimwo abasirikare n’abagabo b’abasivile.

Umwe mu ndongozi za Hamas yabwiye itororokaniriro zy’amakuru y’abongereza, Reuters, ko imbohe za mbere zizorekurwa inyuma y’iminsi 16 y’amasezerano yo guheraheza burundu intambara muri Gaza.

Uwundi mutegetsi wo muri Hamas yabwiye iradiyo ikorana n’uwo murwi vya hagufi ko ukuba hari intumwa za Hamas zagiye muri Misiriri, bidasiguye ko uwo murwi uzokwitabira igice ca kabiri c’ibiganiro hagati ya Isirayeri n’abahuza, gitegekanijwe mu minsi iri imbere.

Hagati aho, amakuru atangwa na Misiri yemeza ko igice ca mbere c’ibiganiro vyamaze iminsi ibiri hagati y’abahuza barimwo abarungitswe na Amerika n’intumwa za Isirayeri, cashimikiye ahanini ku ngene hoboneka agahengwe k’intambara, n’umuti urama hagati ya Gaza na Isirayeri. Hamas ntiyari muri ivyo biganiro.

Ibihugu biriko bihuza Hamas na Isirayeri ni Amerika, Misiri na Katari.

Ibiharuro bishasha vyatangajwe vyerekana ko abamaze kurwa mu ntambara yadutse hagati y’izo mpande zibiri muri Gaza barenze ibihumbi 40.

Isirayeri ivuga ko aba barwiriyemwo abarwanyi, Hamas nayo iti oya, ahubwo harwiriyemwo inzirakarengane z’abasivile zirimwo abana n’abagore. (REUTERS)