Rusansuma Yagombaga Gutangura Mu Burundi Ntiyabaye

Mu Burundi kuri uyu wa 16 ukwezi kwa munani uyu mwaka w'2024 niho hategekanijwe gutangura rusasuma mu gihugu hose. Naho biri uko, kuri uyu wa gatanu abatorewe gukora iyo rusasuma ntibakoze imirimo yabo..

Ibiganiro vyo guhimiriza abenegihugu gutanga amakuru ku birabana na rusasuma nivyo vyabaye hirya no hino mu gihugu.

Vyari birongowe n’abashikiranaganji batandukanye batowe mu ntara zigize igihugu. Aho abakunzi b’ijwi ry’Amerika bishikiye ni mu ntara ya Bujumbura mu kiganiro cari kirongowe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru. Yari kumwe n’ujejwe amagara y’abantu, ndetse n’abarongoye intara, amakomine hamwe n’abajejwe umutekano.

Nkuko vyari bitegekanijwe ko rusasuma itangura, abatorewe gukora ico gikorwa ntibagiye ku murimo bategerezwa gutangura. Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru Leocadie Ndacayisaba avuga ko mu vyirwa baherutse gukora basanze hakirimwo utunenge dutuma babangira.

Ikindi Umushikiranganji Ndacayisaba yamenyesheje n’uko abazokora rusasuma bazoyikora baba iwabo kugira ngo uburyo bukenerwa bugabanuke. Yamenyesheje ko amafaranga akenewe ari menshi ari naco gituma abahawe akazi ko gusasuma baba hafi y’aho bakorera.

Naho biri uko kandi, abakurikiranira hafi ico gikorwa si ko babibona. Bavuga ko kuba Reta itategekanije amafaranga akwiye muri ico gikorwa bishobora kuzotuma hatangwa ibitigiri bitari vyo, kuko bashobora kutabishirako umutima mu gihe badahembwa.

Jean Nduwimana avugira OLUCOME avuga ko abo bazokora Rusasuma bari bakwiye guhabwa ivy’ibanze umuntu akenera buri munsi kugira ngo bakore neza.

Ijwi ry’Amerika yagerageje kurondera abazokora iyo rusasuma bahawe akazi banka kuvugira kuri micro zacu. Gusa ico bavuga n’uko kuja mu kazi bakazohabwa amafaranga bagenewe mu nyuma bigoye muri kino gihe hari ubukene mu gihugu, na cane cane kuko bakenera n’ico basiga mu miryango.

Kuba abahawe ako kazi benshi ari abari basanzwe bashomereye, bavuga ko ivyo bitogenderwako kuko n’ubusanzwe bagerageza kwisumamwo ahashoboka bakaronka ico bafungura.

Bagasaba ko bohabwa amafaranga yo kwifashisha mbere y’uko batangura ico gikorwa. Amakuru ava muri abo nyene kandi avuga ko kuba batatanguye igikorwa cabo harimwo ico kibazo c’amafaranga nk’uko n’abajejwe rusasuma bibitangaje.