Abanyagihugu baba ku murwa mukuru w’ intara ya Cankuzo ugiye kuba umurwa mukuru w’ intara ya Buhumuza barababazwa n’ ingene amabarabara y’ aho ashaje. Basaba ko yosanurwa kugira uwo murwa mukuru ugire isura nziza.
Mu kigo ARB kijejwe amabarabara ku rwego rw’ igihugu barahumuriza ko ibikorwa vyo gusanura ayo mabarabara bizotangura mu misi iri imbere.
Umurwa mukuru w’intara ya Cankuzo ugizwe n’amabarabara y’ ivu, amenshi iyo imvura iguye yuzuramwo ivyondo. Nta n’imiserege intwara amazi y’imvura ihari. Ababa kuri uwo murwa mukuru mushasha w’intara nshasha ya Buhumuza bakavuga ko ititaweho mw’iterambere nk’izindi ntara bihana imbibe.
Mvuyekure Abdalah amaze imyaka myinshi aho mu Cankuzo ni umwe mu bavuga umurwa mukuru w’ iyo ntara wibagiwe.
Baba ababa ku murwa mukuru wa Cankuzo canke abagendesha ivyuma vyunguruza abantu bababazwa n’ingene mu ntango z’uno mwaka hari ibikorwa vyo gusanura ayo mabarabara vyatanguwe, ariko bitarangiye.
Abatowe n’abanyagihugu mu Cankuzo na bo nyene ntibashima ingene amabarabara yo ku murwa mukuru w’ iyo ntara n’ayaja mu ntara hagati ugiye kuba umurwa mukuru w’ intara nshansha ya Buhumuza yifashe.
Salvator Bigirimana ni umwe mu bashingamateka batowe mu ntara ya Cankuzo, avuga ko ahatari ibarabara ryiza ata terambere riharangwa.
Ayo mabarabara yo mu ntara ya Cankuzo atameze neza, hari ho n’ayatagira ibiraro. Akarorero ni ako ikiraro co ku ruzi Kayongozi co kwibarabara rihuza imitumba ya Kavumu na Murehe muri komine Cankuzo.
Abaca muri iryo barabara babwiye abakunzi b’ Ijwi ry’ Amerika ko haheze imyaka itanu ico kiraro gisambutse. Ibituma uruja n’ uruza bitabandanya, imirimo imwimwe yo kwiteza imbere igahagarara.
Buramatari w’ intara ya Cankuzo aremeza ko amabarabara yo mu ntara ya Cankuzo atameze neza. Akavuga ko barindiriye ikigo c’ igihugu kijejwe amabarabara ko kiza gusanura ayo mabarabara yaba ayo ku murwa mukuru canke ayaja mu ntara hagati.
Ku bijanye n’ ico kiraro co ku ruzi kayongozi ruca hafi y’ umurwa mukuru wa Cankuzo , Buramatari Boniface Banyiyezako asaba uwurongoye komine Cankuzo gusanasana vy’ imfatakibanza ico kiraro.
Mu Buyobozi Bukuru bw’ Ikigo ARB kijejwe amabarabara mu Burundi bavuga ko hari umugambi w’ igihugu wo gusanura amabarabara yose yo mu gihugu na Cankuzo idasigaye inyuma.
Ariko amakuru abegereye umuyobozi mukuru wa ARB bahaye abakunzi ba Radiyo Ijwi ry’ Amerika akamenyesha ko bikigoye ko uwo mugambi urangurwa kubera ubukene bw’ amafaranga y’ agaciro mvamakungu yo kugura ibikoresho biva hanze.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru Ijwi ry'Amerika yateguye iciye ku bakunzi bayo mu Burundi
Your browser doesn’t support HTML5