Irani Yiyama Abayisaba Kutihora kw'Iyicwa rya Ismail Haniyeh

Irani yiyamirije akamo kayisaba kudafata ingingo gihutihuti yo kwihora kw'iyicwa ry'umutegetsi akomeye w'umurwi Hamas ku murwa amukuru, Teherani.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Irani bwatangaje ko ivyasabwe n’ibihugu vy’Ubufaransa, Ubudagi n’Ubwongereza bitumvikana, kandi bivuguruza amategeko mpuzamakungu.

Ivyo bihugu bitatu, kuri uyu wa mbere, vyarasavye Irani n’imirwi bikorana kudakora ibitero kuri Isirayeri. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Irani, Nasser Kanaani yavuze ko itangazo ivyo bihugu uko ari bitatu vyasohoreye hamwe, risaba igihugu ciwe kudasubiriza mu nkoko Isirayeri ku ngingo cafashe yo kutubahiriza ubwigenge n’imbibe zaco.

Yasavye ivyo bihugu kwiyamiriza ingwano iriko iba mu ntara ya Gaza n’inyifato ya Isirayeri yo gushira imbere ingwano. Prezida wa Irani, Masoud Pezeshkian, kuri uyu wa mbere, yabwiye umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Keir Starmer, ko Irani ifise uburengenzira bwo kwihora kw’iyicwa ry’umutegetsi akomeye w’umurwi Hamas, Ismail Haniyeh.

Yavuze ko kwihora ku vyakozwe na Isirayeri bizotuma ico gihugu kidasomborotsa ibindi bihugu muri kazoza. Uyu musi kandi, umuhanuzi w’ibiro vya Prezida wa Amerika ku bibazo vyerekeye umutekano, John Kirby, yagabishije ko Isirayeri n’ibihugu bicuditse bitegerezwa kumera magabo, bikitegurira “ibitero bikomeye” vya Irani kuri ico gihugu, bishobora kuba muri iyi ndwi. (VOANEWS)