Prezida Ndayishimiye Abatandukanye Barimwo Abakozi ba Reta Kumara Indwi Bakora Isuku aho Bakorera no mu Barabara

Mu Burundi mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa mbere abakozi bakorera mu mabiro bo mu bushikiranganji butandukanye, abakorera amashirahamwe, ndetse n’ abikorera bitabiriye akamo k’umukuru w’igihugu.

Uyu musi, bakuye imicafu iri aho bakorera, ndetse no hafi y’aho mu mabarabara. Aho abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bageze ni mu makomine atatu agize igisagara ca Bujumbura, ari yo Muha, Ntahangwa, na Mukaza, no mu ma karitiye ayagize.

Aho biboneye abantu bambaye neza biboneka ko bari bazindutse baje mu kazi nk’uko bisanzwe bakorera mu biro, ariko ico gihe bari hanze yavyo. Biboneka ko bitabiriye akamo k’umukuru w’igihugu ko gukora isuku aho bakorera no hafi yaho.

Bamwe muri abo bari mu mpuzankano z’akazi, abakenyezi barimwo abambaye amajipo n’amashati, abagabo na bo amapantalo n’amashati vy’akazi hamwe n’ibimenyetso biranga ibigo bakorera.

Abariko mu bikorwa vy’isuku bari bafise imikubuzo mu ntoke, abandi batoragura imicafu n’intoki, bakayegereniriza aho bari bateguye. Benshi muri abo bakorera muri ivyo bisata bitandukanye ntibashimye gutanga amakuru, ahubwo wabona n’abo batangaye aho batanguye ico gikorwa bisa nk’aho bariko bakora ibintu batuyumvamwo.

Abakunzi b’Ijwi ry’Amerika babandanije baca mu makaritiye atandukanye arimwo Bwiza na Jabe, na ho nyene, abanyagihugu bariko barakora ibikorwa vy’isuku. Bamwe bavuze ko akamo k’umukuru w’igihugu ko gukora isuku mu gisagara kaziye igihe.

Abo banyagihugu bavuga ko n’indwara ziva kw’isuku rike zogabanuka kuko usanga imyanda yaraboreye mu bice nka vyose bigize amakaritiye. Ikindi basaba ni uko ico gikorwa kitoba ic’iyi minsi gusa, ahubwo cohoraho, kikagira n’amategeko akigenga.

Ijwi ry’Amerika ryavuganye kuri telefone na Jean Nduwimana avugira ishirahamwe OLUCOME, atubwira ko na bo nyene bazindukiye muri ico gikorwa. Nduwimana avuga ko naho ico gikorwa c’isuku mu gisagara ari ciza ariko gikwiye kwihwezwa neza, hakajaho umurwi ugenzura isuku, uhereye kuri ba nyumbakumi n’abakuru b’imitumba.

Ikindi Nduwimana yabwiye Ijwi ry’Amerika ni uko ikibanza co ku Buterere cahora kirundwamwo imyanda ivuye hirya no hino mu gisagara, kitakihari kuko abantu bacubatsemwo. Avuga ko ata kindi kibanza reta yatanze co gusukwamwo imyanda.

Kuri we ivyo birashobora kuba ari vyo bituma abantu babura aho batwara imyanda n’imicafu, bagahitamwo kwikinga ijoro bakayisuka mu makanivo n’ahandi. Nduwimana avuga ko ikibazo c’isuku mu Burundi gikeneye ibindi vyirwa bikomeye.

Nk’uko mu gukora ivyo bikorwa vy’isuku hitabiriwe akamo ka Prezida w’Uburundi yateye abo bakozi kuri uyu wa gatandutu uheze, avuga ko uwo azosanga mu biro azomwisohorera. Prezida Ndayishimiye Evariste yazindukiye ku kivi araba ko iyo ngingo yubahirijwe.

Yatanguriye ico gikorwa muri karitiye ya Musaga iri muri komine ya Muha. abandaniriza muri komine Ntahangwa na Mukaza. Perezida Ndayishimiye yamenyesheje abanyagihugu n’abatwara muri izo komine ko ivyo yabonye, yasanze naho yari azi ko hasa neza arengana ahubwo bakuburira munzu bakabikayo umwanda.

Nk’uko vyatangajwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi bitegekanijwe ko ico gikorwa c’isuku kizomara iyi ndwi yose dutanguye. Abakozi bose bakorera mu bisata bitandukanye havuyemwo abaganga n’abacamanza, abandi bose basabwa gusohoka mu vyumba bakoreramwo, bakaja kugira isuku no gukubura igisagara ca Bujumbura.

Your browser doesn’t support HTML5

Imirimo Itandukanye Yiriwe Yahagaze mu Burundi kubera Itegeko ry'Ibikorwa vy'Isuku