Abahitanywe n’umurundo w’imyavu yegeranirizwa ahitwa Kiteezi ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, bageze kuri 13.
Polisi ya Kampala yatangaje ano makuru ivuga ko ibikorwa vyo kurondera abandi boba babomokeweko n’uwo murundo w'umwavu bikibandanya.
Imvura imaze imisi irwa ni yo yatumye umurundo w’imyavu usenyukira ku mazu yegereye ico kibanza. Uwo mwavu wasenyutse mu masaha yo mw’ijoro abanyagihugu baryamye.
Igipolisi ca Uganda cavuze ko cashoboye gutabara abantu 14, ariko ko hari abandi bagoye kumenya igitigiri boba bakiri munsi y’ibibomoke vy’amazu n’imyavu.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gutabara imbabazi kw’isi, Croix Rouge, ryaciye ryubaka amahema mu micungararo y’ahabereye iryo sanganya kugira abo amazu yabomokanye baronke aho bakika umusaya.
Haheze imyaka irenga 10 ikibanza carimwo uwo mwavu ari co conyene cegeranirizwamwo imyavu yose iva mu mihana itandukanye y’umurwa mukuru wa Uganda. Imyavu iri muri ico kibanza yarabaye myinshi ku buryo yahindutse nk’umusozi muremure.
Abanyagihugu baba mu micungararo y’ico kibanza bamaze igihe kirekire bidoga bavuga ko iyo myavu bemeza ko yonona ibidukikije ibabangamiye.
Insanganya nk’izi zirakunda gushika ku mugabane wa Afurika. Nko mu 2018, umusozi w’imyavu wasenyutse ku murwa mukuru wa Etiyopiya wahitanye abantu 115. (REUTERS)