Nijeri Yatangaje ko Ihagaritse Imigenderanire na Ukraine

Amadou Abdramane avugira leta muri Nijeri

Nijeri yagiriza Ukraine ko ishigikiye imirwi y'iterabwoba. Ingingo ya Nijeri ikurikiye iya Mali bihana imbibe yaciye imigendernaire na Ukraine mu misi mikeyi ishize.

Ni inyuma y’uko Ukraine yemeye ko yahaye amakuru y’iperereza imirwi irwanya ubutegetsi yagize uruhara mu ngwano yabereye mu buraruko bwa Mali yahitanye abasirikare batari bake bayo hamwe n’abarwanyi b’umurwi w’abacangero b’Uburusiya, Wagner.

Umuvugizi wa Reta ya Nijeri, Amadou Abdramane, yatangaje ko Reta ya Nijeri yifatanije na reta hamwe n’Abanyamali, yafashe ingingo yo guhagarika imigenderanire na Ukraine, kandi ko iyo ngingo yagiye mu ngiro buno nyene. Yongeye avuga ko Nijeri izosaba urwego rwa ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi kugirisha ibiganiro ku bujanye n’agasomborotso ka Ukraine.

Ku musi wa mbere, Mali yarahagaritse imigenderanire na Ukraine. Hari inyuma y’uko inzego zijejwe iperereza za Ukraine zemeye ko zagize uruhara mu guha

amakuru abarwanya ubutegetsi bwa Mali b’aba Tuareg mu gihe bariko batana mu mitwe n’inteko za reta mu buraruko bw’igihugu mu mpera z’ukwezi kw’indwi guheze. (AFP)