Indege z’Ingwano za Isirayeli Zarashe ku Barwanyi ba Hezbollah muri Libani

Igisirikare ca Israel, kuri uyu wa kane, catangaje ko inteko zaco zakoze ibitero zikoresheje indege z'ingwano ku bibanza umurwi Hezbollah ukoreramwo mu bice bitari bike vyo mu bumanuko bwa Libani.

Indege z’ingwano za Isirayeri zakoze ibitero mu bice biri hafi y’ahitwa Al-Mashouri na Majdal Zoun mu bumanuko bwa Libani. Zakoze kandi ibitero mu gisagara ca Nabatieh, naco nyene kiri mu bumanuko bwa Libani.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Libani ryatangaje ko ibitero vy’indege z’ingwano mu gisagara ca Doueir vyasambuye inyubakwa, ko yamara abatabavurwa ko bahasize ubuzima canke bakomeretse.

Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa kane, catangaje ko cakoze kandi ibitero mu karere ka Rafah mu bumanuko bwa Gaza, aho inteko zaco zimaze amezi atari make zitana mu mitwe n’abarwanyi b’umurwi Hamas. Catangaje kandi ko indege z’ingwano za Isirayeri zasambuye ikibanza umurwi Hamas urasiramwo rokete mu buraruko bwa Gaza.

Isirayeri iriko ibandanya ibitero mu ntara ya Gaza no mu bumanuko bwa Libani mu gihe hari impungenge ko intambara ishobora gutandukira akarere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Ivyo cane cane inyuma y’uko Isirayeri yishe umutegetsi akomeye w’umurwi Hezbollah ku murwa mukuru wa Libani, Beyirute n’umutegetsi akomeye w’umurwi Hamas ku murwa mukuru wa Irani, Teherani. (VOANEWS)