Abajejwe umutekano muri Nijeriya batangaza ko mu bariko bakora imyiyerekano bamaze gutabwa muri yompi, harimwo abanyagihugu 7 bo muri Polonye. Bazira ko mu kwiyerekana, bari bafise amabendera y'igihugu c'Uburusiya.
Umuvugizi w’igisata kijejwe umutekano muri Nijeriya, Peter Afunanya, yavuze ko abo banyagihugu ba Polonye bose bahagarikiwe mu myiyerekano yabereye muri reta ya Kano iri mu buraruko bwa Nijeriya.
Badugije amadarapo y’Uburusiya nk’ikimenyetso co kwerekana impungenge bafise ku co bita “Ibikorwa vy’Uburusiya vyiyongera ku bwinshi mu karere ka Afurika y’Uburengero.”
Abagirizwa kuba babakoreye bimwe mu vyapa bari bafise na bo nyene batawe muri yompi. Abajejwe umutekano ntibavuze niba abo bakoreye ivyapa ari abanyagihugu ba Nijeriya canke ari abanyamahanga.
Igisata kijejwe umutekano nticigeze gitangaza imyidondoro y’abanyagihugu ba Polonye batawe muri yompi. Eka nticanavuze n’impamvu bari ku butaka bwa Nijeriya. Casiguye gusa ko cabahagaritse mu ntumbero yo gucungera umutekano w’igihugu, congera gitomora ko batahagaristwe bazira ubwenegihugu bwabo.
Stanislaw Gulinski, aserukira Polonye muri Nijeriya, yemeje ano makuru avuga ko bamaze iminsi ibiri bahagaritswe. Mu nama yakoranye n’umushikiranganji ajejwe ivy’imigenderanire ya Nijeriya n’ayandi makungu hamwe na bamwe mu badiplomate I Abuja yagize ati: “Amakuru yabo ya nyuma mperuka, avuga ko bari mu ndege ibavana muri reta ya Kano ibatwara I Abuja.”
Ambasaderi Stanislaw Gulinski yirinze kugira ibindi vyinshi atangariza bagenzi bacu bo mw’itororokanirizo ry’amakuru y’Abongereza, Reuters, bamurondeye.
Ku rundi ruhande, Jenerali Christopher Musa atwara igisirikare ca Nijeriya yavuze ko Nijeriya ifata igikorwa co kwerekana amabendera y’igihugu mvamakungu mu myirekano irwanya reta y’ico gihugu, nk’icaha c’ubuhemu.
Amareta yandi yibonekejemwo abiyerekana barimwo n’abanyanijeriya bafise amadarapo y’Uburusiya ni Borno, Kaduna na Katsina. Muri rusangi amabendera yabonetese aharurwa mu majana. Abari bayafise bari kandi bitwaje ivyapa bisaba abasirikare ba Nijeriya gukombora Prezida Tinubu, bagafata ubutegetsi.
Ubuserukizi bw’Uburusiya bwavuze ko ata ruhara na rumwe rubifisemwo.
Imyiyerekano ibandanya mu gihugu cose ca Nijeriya yatanguye ku wa kane w’indwi iheze. Abiyerekana biyamiriza ahanini uburongozi bita bubi bwa Prezida Bola Tinubu. Basigura ko bwabataye mu manga y’ubukene butagira izina, itituka ry’amafaranga y’ico gihugu n’agashahara k’intica ntikize. (REUTERS)