Reta zunze ubumwe za Amerika yasubije icese abategetsi ba Nijeri ikambi ya nyuma bakoreramwo muri ico gihugu. Iyo ni imwe mu makambi abiri yari akomeye mu gikorwa c’Abanyamerika co kurwanya iterabwoba muri ico gihugu.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi bwifatanije n’ubwa Nijeri bwo kwivuna abansi, ejo ku musi wa mbere bavuze ko abasirikare ba Amerika bafise gushika kw’itariki ya 15 z’ukwezi kw’icenda kugira babe bavuye muri ico gihugu kiri mu karere k’ubugararwa bwa Sahel.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika ,AP, ryavuze ko ishikirizwa icese ry’ikambi ya nomero 201 mu gisagara ca Agadez ribaye inyuma yaho hari haciye ukwezi abasirikare ba Amerika bahagaritse ibikorwa vyabo kw’ikambi rito rya nomero 101, riri ku murwa mukuru Niamey.
Mu kwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka, umukuru w’igihugu ca Nijeri yahagaritse amasezerano yari yarekuriye abasirikare ba Amerika gukorera muri ico gihugu mu bikorwa vyo kurwanya imigwi ikorana n’abarwanyi ba al-Qaeda, n’abagwanyi baharanira reta ya kiyislamu.
Abasirikare ba Amerika biteguriye kuba bavuye muri Nijeri hagati y’ukwezi kw’icenda.