Abagera kuri 20 Baguye mu Ruhagarara muri Bangladesh

Abantu batari musi ya 20 bishwe kuri uyu wa mbere mu ruhagarara rwabereye ku murwa mukuru wa Bangladesh.

Igipolisi catangaje ko abo bantu bishwe igihe abari mu myiyerekano binjira mu nyubakwa inyuma y’uko umushikiranganji wa mbere wa Bangladesh, Sheikh Hasina akuwe ku butegetsi uno musi ku wa mbere.

Umutgetsi mukuru w’igisirikare yatangaje ko Sheikh Hasina yatanze imihoho arahunga igihugu kuri uyu wa mbere. Hari umusi umwe inyuma y’uko abantu bagera kw’ijana bishwe mu gutana mu mitwe n’igipolisi. Ni igihe imyiyerekano iyobowe n’abanyeshule yasaba ko atanga imihoho.

Mw’ijambo yashikirije igihugu, umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Bangladesh, Jenerali Waker-Uz-Zaman, yatangaje ko reta mfatakibanza izoshirwaho, kandi ko ubwicanyi bwabaye buzotohozwa.

Yasavye abanyagihugu gukorana na reta hamwe no kubona ko amahoro yubahirijwe. Waker-Uz-Zaman yatangaje ko ata na kimwe bazoshikako biciye mu ngwano, uruhagarara n’ubwicanyi. Yasavye abanyagihugu guhagarika amatati ayo ari yo yose hamwe no kumenagura no gusambura ibintu.

Ikurwa ku butegetsi ry’umushikiranganji wa mbere, Sheikh Hasina, afise imyaka 76, yari amaze igihe kirekire cane ku butegetsi ni ihinduka rikomeye muri Bangladesh. Abantu batari musi ya 300 barishwe mu ndwi zirangiye. Bangladesh ni igihugu gifise abantu imiliyoni 170. (AFP)