USA: Inama Rukokoma y'Umutekano mu Karere ku Buseruko bwo Hagati

Prezida wa Amerika Biden yiteguriye inama rukokoma yerekeye umutekano kubera icuka kibi gitera ciyongera mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi.

Kuri ino musi wa mbere ni ho Prezida Biden yiteguriye inama n’inzego zijejwe umutekano. Yiteguriye kandi kubonana n’umwami wa Yorodaniya Abdullah wa Kabiri.

Ivyo bigiye kuba mu gihe abategetsi ba Isirayeri bagabisha ko bashobora kwihora “bikomeye” mu gihe bogirwako igitero. Ni mu gihe kandi humvikana amakenga y’ibitero vyagirwa na Irani ku bihugu bicuditse na Israyeli mu karere.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno musi wa mbere umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Irani bujejwe imigenderanire n’amakungu, yavuze ati “Irani ntiyipfuza kwongereza icuka kibi mu karere”, ariko ko ifise uburenganzira bwo guhana Isirayeri ku gitero yagize mu ndwi iheze, cishe umutegetsi wa Hamas Ismail Haniyeh muri Teherani.

Irani yagiriza Isirayeri kuba ariyo yishe Haniyeh, inyuma y’ikindi gitero c’indege igwanira mu kirere cagizwe muri Libani kikica umukomanda w’abarwanyi ba Hezbollah, umugwi nka Hamas nawo nyene ushigikiwe na Irani.