Imyiyerekano y'Abiyamiriza Ubuzima Buzimvye muri Nijeriya Irabandanya

Polisi ya Nijeriya yataye muri yompi abarenga 20 mu bakoze imyiyerekano yo kwiyamiriza ahanini ubuzima buzimvye n’itituka ry’agaciro k’amafaranga y’ama Naira akoreshwa muri ico gihugu.

Abiyerekanye uno munsi ku wa gatandatu biyerekaniye mu bisagara bitandukanye birimwo Abuja, umurwa mukuru wa politike. Bari bagerageje kwiyerekanira imbere y’ahari ibiro bitandukanye vya reta, ariko igipolisi kibatesha mu kubamijaguramwo ivyuka vyokera mu maso.

Ababibonye bavuga ko muri reta ya Kano iri mu buraruko bwa Nijeriya polisi yarashe mu biyerekana, ikomeretsa umuntu umwe mw’izosi. Yaciye anyarukanwa kwa muganga.

Hagati aho, Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu ryemeza ko umunsi imyiyerekano itangura ku munsi wa kane, abantu 13 ari bo baguye mu myiyerekano mu bice bitandukanye vya Nijeriya. Amnesty International inebagura igipolisi c’ico gihugu yemeza ko kibandanya gukoresha amasasu mu kuburizamwo imyiyerekano.

Polisi ya Nijeriya ntihakana ko hari abamaze kurwa mu myiyerekano imaze iminsi itatu. Gusa, ihakana yivuye inyuma uruhara mw’iyicwa ry’abamaze kuyirwamwo. Mw’itangazo igipolisi casohoye, kivuga ko abapolisi 9 bamaze ari bob amaze gukomerekera muri iyo myiyerekano. Iryo tangazo ryemeza kandi abatawe muri yompi kuva ku wa kane baba 70