Amerika Irasaba Ibiganiro Hagati ya Isirayeli na Libani

Ministri w'ingabo wa Isirayeli Yoav Gallant n'uw'Amerika Lloyd Austin

Reta ya Amerika isaba ko haba ibiganiro hagati ya Isirayeri na Libani mu gihe ibitero n’icuka kibi kibandanya kwiyongera ku mupaka ivyo bihugu bisangiye.

Ari mu rugendo rwiwe mu gihugu ca Filipine, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Lloyd Austin yagize ati “Mu gihe tubandanya kubona ibintu bikorwa mu karere kari ku mupaka Isirayeri ihana na Libani, turafise amakenga ko bishobora kuvmwo intambara ikomeye cane”

Urwo rugendo rwiwe ntirwakiriwe neza n’imiryango amajana n’amajana y’abanyisirayeri babuze ababo, hamwe n’ababanyi bariko biyamiriza umugambi babona ko ari uw’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu, ushingiye ku nyungu ziwe bwite za politike.

Isirayeri yavuze ko kuri uno musi wa kabiri yakoze ibitero vy’indege z’ingwano n’ibindi vy’inteko zirwanira ku butaka mu turere indwi turimwo abagwanyi b’umurwi Hezbollah mu buraruko bwa Libani.

Ivyo bibaye ibitero vya vuba bikozwe mu karere kar ku mupaka ivyo bihugu bisangiye. Ni inyuma y’imisi mikeyi habaye igitero ca rokete cahitanye abana cumi na babiri mu karere k’imitumba ya Golan muri Isirayeri. Ivyo vyatumye ibihugu vyo mu mahanga bigira amakenga menshi ko ugutana mu mitwe hagati ya Isirayeri na Hezbollah bishobora kuvamwo intambara ikomeye mu karere, mu gihe hasanzwe hari intambara hagati ya Isirayeri na Hamas muri Gaza.

Isirayeri na Hezbollah birabandanya gutana mu mitwe mu karere kari ku mupaka na Libani kuva intambara itanguye muri Gaza. Ni mu gihe

Hezbollah yavuze ko ibikora mu ntumbero yo kwifatanya na Hamas, nk’uko abagwanyi b’aba Houthi bariko babikora muri Yemeni, mu gukora ibitero ku bwato buca mw’ibahari itukura. Iyo migwi yompi ishigikiwe na Irani