Uburundi Bwatewe n'Ikiza c'Indwara y'Ibihara vy'Inkende

Mu Burundi hateye akaranda k’ikiza c’indwara y’ibihara vy’inkende. Mw’itangazo ryasomwe ku mugoroba wo kuri uyu wa kane na Dr. Liduine Baradahana, Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, yavuze ko vyagaragajwe n’ibipimo vyakorewe abarwayi batatu kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro uyu mwaka mu kigo INSP. Asaba abarundi n’abanyamahanga bari mu Burundi kwitwararika isuku no kwirinda gukoranako.

Abo bantu batatu bamaze kumenyekana ko banduye ikiza c’indwara y’akaranda yitwa ibihara vy’inkende, babiri ni abo mu gisagara ca Bujumbura. Uwundi ni uwo mu ntara y’ubuvuzi ya Isare mu ntara ya Bujumbura abenshi bazi nka Bujumbura rural.

Umwe yari yavuye ku bitaro vy’umwami Khaled mu Kamenge, uwa kabiri ku bitaro vy’abasirikare mu kamenge. Uwa gatatu nawe yari yavuye mw’Itenga aho yivuza ataha.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Dr Liduine Baradahana amenyesha ko amagara y’abo bantu yifashe neza kandi ko n’ababana hafi n’abo bariko barakurikiranwa mu gusuzuma ko batoba baranduye.

Inyishu z’ibipimo vyemeje iyo ndwara mu Burundi, vyakorewe mu kigo INSP ku bufatanye bw’umurwi w’abaganga b’abahinga mu kigo kijejwe kurwanya indwara z’ibiza hamwe n’abahinga mu gupima indwara z’imigera n’abo muri OMS igisata gikurikirana ibijanye n’indwara n’amagara y’abantu kw’isi.

Avuga ko iyo ndwara yandukira cane kandi ikica mu gihe umuntu atavuwe hakiri kare. Muri iryo tangazo yashikirije ko yandukira biciye mu nzira zitandukanye.

Kubwo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kwitwararika isuku ku bari mu gihugu bose, kiri mu bifasha kwirinda kwandura.

Muri iryo tangazo, Muganga Liduine Baradahana, umushikiranganji w’amagara y’abantu asaba abantu bose ko uwokwibonako ikimenyetso kimwe mu vyashikirijwe yonyarukira kw’ivuriro rimwegereye.

Iyo ndwara ikaba yari yatanguye kwikekwa ku mutumba Nyakimonyi muri komine Mugamba mu ntara ya Bururi, aho kuwa 09 Mukakaro 2024 hapfuye umwana w’umwigeme w’imyaka icenda, vyavuzwe ko yishwe n’indwara itaramenyekana.

Nkuko vyamenyeshejwe na Vénérand Nyambikiye arongoye intara y’ubuvuzi ya Bururi, uwo mwana yari yashikanywe mu bitaro kuwa 07 Mukakaro 2024 afise ibiherehere vyinshi ku mubiri, afise ubushuhe bwinshi n’inkorora.

Mwitangazo ry’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ryo kuwa 18 Mukakaro 2024, Liduine Baradahana akaba yamenyesheje ko ibipimo vyerekenye ko uwo mwana wo mu mugamba atishwe n’indwara y’ibihara vy’inkende.