Ububirigi Bwahagaritse Abantu 7 Bukekako Iterabwoba

Igipolisi mu Bubiligi, kuri uru wa kane, cahagaritse abantu 7 bikekwa ko bariko bategura igitero c'iterabwoba.

Ibiro vy’abashikirizamanza by’Ububiligi vyatangaje ko cahagaritse abantu 7 bikekwa ko bariko bategura igitero c'iterabwoba. Bivuga ko gushika ubu ata vyemezo ko hari isano vyoba bifitaniye n’inkino mpuzamakungu za Olempike zitangura mu gihugu c’Ubufransa kuri uyu wa Gatanu.

Umuvugizi w’ibiro by’abashikirizamanza, Arnaud Oultremont, yavuze ko ata birenga aho biramenyekana, ko yamara ikizwi ari uko abantu 7 bahagaritswe n’igipolisi bariko bategura igitero.

Vyari bitegekanijwe ko abo bantu 7 bikekwa barenguka muri sentare imbere y’umucamanza ajejwe kurwanya iterabwoba uyu wa kane. Abo bantu bose bagirizwa kugira uruhara mu bikorwa vy’iterabwoba, gutanga amafranga agenewe iterabwoba hamwe no gutegura ibikorwa vy’iterabwoba.

Igipolisi cakoze igikorwa co kurondera abikekwa iterabwoba mu bisagara vya Bruxelles, Anvers, Liege, Courtrai na Menin. Hari hisunzwe imitahe yari yatanzwe n’umucamanza ari mu gisagara ca Anvers. Mu gihugu cose, igipolisi cagiye gusaka ahantu 14. Abashikirizamanza batangaje ko ata yandi makuru arenga aho bashikiriza muri iki gihe.

Mu mwaka w’i 2016, Ububiligi bwarageramiwe n’ibitero vy’amabombe vy’abihevyi aho abantu 32 bapfuye abandi amajana n’amajana barakomereka. Umurwi al-Qaida wariyitiriye ivyo bitero. (AFP)