Abavunjayi mu Burundi basaba Reta guhagarika kubahohotera no kubaburabuza mu gihe baba bariko barakora bisunze amategeko. Abarenga 15 barapfunzwe nayo amazu amwamwe akora ivyo kuvunja amafaranga mva makungu yarugawe ayandi nayo beneyo bahitamwo kuyiyugarira kuko abakozi babo batwawe n’inzego z’umutekano n’igendereza. Ni mu gihe idorari rimwe, mu Burundi,ubu rivunja ayarenga 6400 vy’amafaranga y’amarundi aho bita kuri marché noir.
Kutoroherwa ku bavunjayi vyatanguye kuwa 15 Ruhuhuma 2020 aho hugarwa amazu yose acurunza amahera mva makungu mu Burundi. Ico gihe idorari ryavunjwa hagati ya 1700 na 1800 muri BRB hamwe na 2900 kw’isoko yo mu rufuri.
Mu mpera z’umwaka wa 2022, uwararongoye BRB, Dieudonné Murengerantwari mu nama n’abakorera muri ico gisata, yamenyesheje ko uwukeneye gukora yugururiwe. Hashingwa ko umutahe ugana n’imiriyoni amajana atanu, ingwati y’imiriyoni cumi, imiriyoni zibiri z’ubuhinga bukoreshwa hamwe n’umuriyoni umwe wo kwiga dosiye mu kiringo c’ukwezi kumwe.
Uwo mutahe waje utorohereza umuvunjayi nkuko bavyivugira ko ari umurengera kubari muri ico gisata. Naho biruko amazu acuruza ahamera mva makungu yaruguruwe yongera ahabwa na BRB amafaranga. Ariko ifaranga ryaciye ritakaza agaciro. Mw’ibanki nkuru y’igihugu idorari rimwe ryavuye hagati y’i 1700 na 1800 rija ku 2800 na 2900.
Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu 2023, inyuma yuko BRB ivuze ko hariko hakorwa amanyanga menshi muri urwo rudandazwa, ayatanzwe mu mabiro deshanje ajanwa ahitwa kw’isoko ryo mu rufuri, haciye hugarwa amabiro deshanje arenga atandatu. Ni mu gihe idorari rimwe ryavujwa 3800.
Ku makuru yo kwizerwa abakunzi b’Ijwi ry'Amerika baronse ni uko kuva ico gihe haciye hatangwa itegeko mu biro vy’umukuru w’igihugu ryo kurondera uwo wese ari muri urwo rudandazwa afatwe afungwe.
Kuwa 23 z’ukwa kane 2024 uruhigi rw’abavunjayi rwaciye rutangura. Idorari rimwe ryari rigeze ku 5300. Abavunjayi 9 barafashwe, batandatu baca binjizwa impimba.
Kuwa 24 z’uko kwezi, muri Forex abagenzi iri kw’ibarabara avenue de l’amitié, haba abakiriya, abakozi n’ivyari indani vyose vyarafashwe bijanwa mw’igendereza.
Muri ITEKA Forex hafashwe abashika batanu. Biro yitwa Funga Break yo yaciye yiyugarira inyuma yo gutwara abakozi bayo batatu. Uruhigi rukomeye rurabandaya mu gisagara ca Bujumbura, aho uwiketswe wese aca afatwa n’igendereza agafungwa, hadasizwe inyuma uwo wese arifatanwe mu mufuko.
N’uwurirungikiwe n’uwiwe ari mu makungu, afashwe aca atwarwa n’igendereza.
Abavunjayi bose twavuganye banse gutanga amajwi yabo bavuga ko batabona uko bigeye kumera mu gihe baburabuzwa n’ubundi idorari rikabandanya kuduga cane.
Abadandaza barangurira hanze y’igihugu bavuga ko bariko bacuruza ivyo bafise bihere barindire barabe iyo bitera bija, ngo ntibobandanya bakorera guhomba.
Abanyeporitike basaba kugarukira ubutunzi bw’igihugu. Mu mugambwe CODEBU urongowe na Keffa NIBIZI basaba itunganywa neza ry’ubutunzi.
Mu gihe kuri muri indwi irangiye muri BRB idorari ryavunjwe hagati ya 2864 na 2910, ku badandza mu kinyegero rivunjwa hagati ya 6 450 na 6 500.