Isirayeri Yagavye Ibitero kuri Hezbollah na Libani

Isirayeri uno munsi yagavye ibitero ku birindiro vy’abarwanyi ba Hezbollah mu buseruko bwa Libani.

Igisirikare ca Isirayeri catangaje ano makuru kivuga ko ibitero vy’indege cagavye cavyerekeje ahanini ahari inyubakwa za Hezbollah. Hambavu y’ibitero vy’indege, camijaguye kandi ibisasu birasa kure ku birindiro vy’abo barwanyi, kivuga ko cashaka guhangana n’ico cise “ Umutekano muke Hezbollah iteye mu karere izo mpande zirimwo”.

Abarwanyi ba Hezbollah baciye basubiriza mu ndumane Isirayeri, bamijagura ibisasu vya roketi ku butaka bwayo. Isirayeri ariko ikavuga ko yatangiriye bimwe muri ivyo bisasu, ibindi navyo birwa mu bibanza ata kintu na kimwe birimwo, ku buryo ataco vyononye.

Ugukozanyako hagati ya Hezbollah na Isirayeri kubaye inyuma y’umunsi umwe, Sayyed Hassan Nasrallah atwara Hezbollah agabishije ko “ Isirayeri ikabandanya kwica abasivile, uwo murwi uzogwiza ibitero vyawo ku butaka bw’ico gihugu.”

Ibitero vya Isirayeri vyo ku munsi wa kabiri vyahitanye abasivile babiri bo mu buseruko bwa Libani.

Icuka kiri hagati ya Isirayeri na Hezbollah giteye impungenge impande zitandukanye zirimwo Amerika, yibaza ko bizotuma intambara ikwira akarere kose karimwo Isirayeri na Libani, na cane cane muri ino minsi Isirayeri iriko igaba ibitero no mu ntara ya Gaza. (VOA)