Ibisigarira vy’uwahoze atwara Uburundi imyaka 13 mu biringo bibiri, Petero Buyoya, vyahambwe kuri uyu wa gatatu ku rugo iwe aho avuka muri Komine Rutovu intara ya Bururi.
Ibisigarira vyaje bivuye I Bamako mu gihugu ca Mali, aho yari yarahambwe mu kwezi kw’I 12 umwaka w’I 2020. Buyoya yari yitabiye Imana mu gihugu c’Ubufaransa afise imyaka 71 y’amavuko.
Imyaka 4 yose ni yo ibiganiro vyo kwemera ko ibisigarira vyiwe bitahukanwa vyamaze. Umwe mu bagize umuryango wiwe yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ari we yari yasize avyisabiye amaze kubona ko amagara amukitse. Yongeyeko ko yiyumvamwo ko Uburundi budashobora kwemera ko atahukanwa guhambwa muri ico gihugu.
Kanatsinda, igihe yitaba Imana, Uburundi ntibwigeze butangaza ikintu na kimwe nk’uko vyagenze kuri mugenzi we yashengeye imbere yiwe Jean Baptiste Bagaza aho hashinzwe ikigandaro mu gihugu, kuko na we yari yararongoye Uburundi. Ndetse na Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntiyigeze ahoza umuryango wabuze nk’uko akunze kubikora ku mugaragaro. Igihugu ciwe caranse ndetse ko atahukanwa ngo ahabwe icubahiro c’uwahoze atwara Uburundi.
No kuri uyu wa kabiri ni ko vyagenze, nta mutegetsi yagiye kumwunamira ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Umwe mu bagize umuryango wiwe yatubwiye ko ari umuhango wateguye n’abaryango biwe gusa. Ico bikoze yemeje ko reta yakoze ibikenewe vyose mu mpisho haba gucungera umutekano w’urwo rugendo, canke impapuro zisabwa.
Uwo muryango warungikiye ubutumwa bamwe mu bamenyeshamakuru ugira uti: “Turifuza ko uyu mugirwa uba mw’ibanga ry’umuryango gusa. Mudutahure ntimuze gufata amasanamu”.
N’aho biri uko, Umuryango wa Majoro Petero Buyoya yatwaye Uburundi kuva mu mwaka w’1987-1993 hanyuma akagaruka mu 1996 gushika mu mwaka w’2003, urashimira ubutegetsi bw’Uburundi.
Ubutumwa bw’umuryango Ijwi rya Amerika ryaronse, bugira buti: “Turashimira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’abandi bategetsi bemeye ko ishaka ry’umuhisi ryo guhambwa aho avuka rishirwa mu ngiro. Turashimira n’igihugu ca Mali cari caramwakiriye akiriho, n’igihe yari yitavye Imana”.
Umukuru w’umugambwe UPRONA, Perezida Buyoya yakomokamwo na wo nyene urashima ko ibisigarira vya Buyoya bitahukanywe mu gihugu yakoreye intwaro zibiri yashikiriye atembagaje ubutegetsi.
Uburundi bwagiriza uwo mugabo abenshi nk’umusirikare w’inshirwarimenetse ko ari we ari kw’isonga ry’itembagazwa ry’ubutegetsi ryahitanye uwamusubiriye Melchior Ndadaye mu mwaka w’1993. Yakatiwe gufungwa ubuzima bwiwe bwose n’aho atari mu gihugu.
Ibisigarira vya Perezida Buyoya vyazuwe mu ntango z’uku kwezi I Bamako muri Mali. Itangazo ry’umuryango wiwe ryerekana ko Imisa yo kumusezera yabereye muri Katederari ya Bamako itarike 14 z’uku kwezi. Ni igihugu yari amazemwo imyaka umunani aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika mu gihugu ca Mali no mu karere k’ubugararwa bwa Sahel. Imigirwa yo kuganduka izobera I Bujumbura itariki 20 z’uku kwezi nk’uko vyemezwa n’umuryango wiwe.
Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Pierre Claver Niyonkuru
Your browser doesn’t support HTML5