Abategetsi ba Isirayeri batangaje ko bazorungika intumwa zabo muri Misiri, mu biganiro vy’ibanze bitegura amasezerano yo gutanga agahengwe mu ntara ya Gaza.
Abahuza muri ivyo biganiro bahagarariye Amerika, Misiri na Katari bari bamaze iminsi baca ku biti no ku mabuye kugira haboneke agahengwe k’amahoro mu ntambara umurwi wa Hamas uhanganyemwo na Isirayeri.
Bimwe mu bimenyeshamakuru birimwo mpuzamakungu, vyemeza ko amasezerano y’agahengwe k’intambara hagati y’izo mpande ashobora kuzoboneka vuba.
Ku bw’ivyo bimenyeshamakuru, umurwi wa Hamas woba waremeye ko kugira haboneke amasezerano y’amahoro, Isirayeri itabwirijwe kubanza kwemera guhagarika burundu intambara mu ntara ya Gaza.
Ubwa mbere, Hamas yavuga ko kugira haboneke amasezerano y’amahoro, Isirayeri ibwirizwa gutomora ko ishize ibirwaniro hasi, cane cane muri Gaza.
Umurwi wa Hamas Amerika ifata nk’uwiterabwoba, wasavye ushimitse ko abahuza mu biganiro bohagarikira intambwe zose zishikana ku masezerano y’agahengwe, gushika ashizweko umukono. Uwo murwi wemera ko bigenze uku, uzoca utanga imbohe zose za Isirayeri wafashe igihe utera ico gihugu mu kwezi kwa cumi ko mu mwaka uheze.
Ku rundi ruhande ariko, umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri, Benjamin Netanyahu, avuga ko ata masezerano igihugu ciwe kizosinya, agitegeka guhagarika “ibikorwa vyaco vya gisirikare”, igihe cose kitazoba kirazimanganya Hamas.
Ibiganiro hagati ya Hamas na Isirayeri bisubiriye gutangura mu gihe urugamba rushushe mu ntara ya Gaza. Isirayeri yasohoye itangazo risaba abasivile kwihutira kuva hagati na hagati mu ntara ya Gaza, igice Isirayeri imaze iminsi igabamwo ibitero. ONU, nayo yatabarije abasivile bari muri ako gace, ivuga ko babwirizwa gukingirwa.