Uburusiya Bwashize ku Rutonde rw'Abakora Iterabwoba Umugore w'Uwagwanije Cane Putin

Yulia Navalnaya

Uburusiya bwashize Madamu Yulia Navalnaya ku rutonde rw'abantu bakora iterabwoba n'intagondwa. Yulia Navalnaya ni Umupfakazi wa Alexei Navalny, atavuga rumwe n'ubutegetsi bw’ico gihugu.

Yaguye mw'ibohero mu kwezi kwa kabiri uno mwaka. Uburusiya bumushize ku rutonde rw’abantu bwagiriza iterabwoba n’ubutagondwa inyuma y’aho ku munsi wa kabiri w’ino ndwi, ico gihugu kimusohoreye umutahe wo kumuhagarika.

Umutahe wo kumuhagarika wanditseko yagirizwa ivyaha birimwo ukuba mu mirwi y’intagondwa n’iterabwoba.Ingingo yo kumuhagarika yosomewe muri sentare y’I Moscow ku murwa mukuru w’Uburusiya atahari. Ntaba mu Burusiya. Ari mu buhungiro.

N’agahemo kenshi, Kira Yarmysh yahoze avugira Alexei Navalny yanditse ku rubuga rwa X ati: “ Mbega ibintu vyihuse! Vyerekana ko Navalnaya ariko akora ivyiza gusa!” Kira Yarmysh nawe nyene ari mu buhungiro.

Yulia Navalnaya yararahiye ararengwa ko ategerezwa kuzokorera mu ngata umugabo wiwe Alexei Navalny mu rugamba “ rwo kudatinya kwerekana ibitagenda neza ku butegetsi bw’Uburusiya.”

Kuva umugabo wiwe ashengera, yumvikana akatari gake avuga nabi ubutegetsi bw’Uburusiya. Amashirahamwe yiwe yose yahagaritswe mu 2021, yagirizwa gukora ibikorwa vy’iterabwoba. Abenshi mu bakoranye nawe, baciriwe imanza zirimwo iz’umunyororo uremereye.

Amakenga y’uko umugabo wiwe Alexei Navalny yishwe n’ubutegetsi bw’Uburusiya yarwanya atihisha ni menshi mu mpande zitandukanye. Imbere y’uko apfungwa, yigeze kurya ishano rikaze yemeza ko yahawe n’ubutegetsi bw’Uburusiya, aja kuryivuriza mu Budagi, akize asubira mu Burusiya guhangana n’abategeka ico gihugu, arinako guca agwa mu munyororo. (AFP)