Polisi ya Hayiti na Kenya Bagiye Gutangura Ibitero Ku Bagizi ba Nabi

Umuyobozi mushasha w’igipolisi ca Hayiti Rameau Normil yatangaje ko abasirikare b’igihugu ciwe bagiye gutangura mu misi yu vuba, ibitero ku migwi y’abagizi ba nabi, bafashanije n’abapolisi ba Kenya baje gufasha muri ico gikorwa.

Itororokanirozo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP rivuga ko uwo mutegetsi mushasha yari kumwe na mugenzi wiwe wa kenya Godfrey Otunge, arongoye umugwi wa mbere mpuzamakungu w’abapolisi barimwo n’aba Kenya, barungitswe na ONU muri ico gikorwa.

Uwo mugwi wa mbere washitse muri Hayiti kw’itariki 25 y’ukwezi kwa gatandatu, wari ugizwe n’abapolisi amajana abiri. Normil yagize ati: “Kubera ibanga ry’akazi, ntituzotangaza uburyo tugiye tugiye kurangura ico gikorwa”.

Yavuze ko abategetsi ba Hayiti n’aba Kenya bagiye kwihwereza hamwe ukuntu bagiye gutuza ubugizi bwa nabi.

Otunge afise ivyizigiro vy’igikorwa biteguriye gukora. Ntiyashimye kuvuga igihe uwundi murwi w’abapolisi uzoshikira muri Hayiti uvuye muri Kenya.

Indege zo gutwara ibikoresho vyo mu ngwano zashitse mu gisagara ca Port-au-Prince muri Haiti zirimwo ibimodoka vyo mu ngwano mu mpera z’indwi turangije,