Prezida Biden Yaneguye Ingingo Ibuza Abaprezida Gukurikiranwa ku byaha Bimwe na Bimwe

Perezida Joe Biden

Inyuma y’aho Sentare nkuru ya Amerika, isohoye ingingo yuko abakuru b’igihugu ca Amerika bashobora kudakwirikiranwa ku vyaha bimwe bimwe, Prezida wa Amerika Joe Biden yavuze ko iyo ngigno ishobora gutuma haba abategetsi birengangiza amategeko.

Prezida Joe Biden yaneguye iyo ngingo ya sentare nkuru y’igihugu, yatangajwe ku musi wa mbere. Iyo ngingo ijanye n’amakuru y’ivyaha uwahoze ari prezida wa Amerika Donald Trump yagirizwa ko ashobora kuba yarakoze, vyerekeye ukwivanga mu bikorwa bijanye n’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka wa 2020.

Mw’ijambo yashikirije ari mu biro vy’umukuru w’igihugu White House ejo ku musi wa mbere, Prezida Biden yagize ati “Nta n’umwe ari hejuru y’amategeko, naho yoba ari umukuru w’igihugu ca Amerika”

Biden yatangaje ko agiye kubandanya yubahiriza amategeko hamwe no kudakora ibirenze ububasha ahabwa nk’umukuru w’igihugu. Ariko yagabishije ko abakuru b’igihugu muri kazoza bashobora kutavyubahiriza.

Yagize ati: “Umukuru w’igihugu uwo ari we wese hisunzwe iyo ngingo, harimwo na Donald Trump, ubu azoba afise ububasha bwo kutubahiriza amategeko.”