Abaguye mu Rugendo Rweranda rwa Isilamu "Barenze 1000"

Ibiharuro bishasha vyatanzwe n’abategetsi ba Misiri vyerekana ko aba Isilamu baguye mu rugendo rweranda ruheruka kubera muri Arabiya Sawudite barenga 1000.

Abategetsi babiri ba Misiri batanze ano makuru ntibashime ko amazina yabo atangazwa bavuze ko abenshi mu baguye muri urwo rugendo ari abanyagihugu bakomoka muri Misiri.

Abo bategetsi bemeza ko abanyagihugu ba Misiri baguye muri Arabiya Sawudite ari n’imiburiburi 630. Benshi baciye bashingurwa muri ico gihugu nkuko abo bategetsi babandanya kubivuga.

Bemeje kandi ko benshi mu basize ubuzima muri urwo rugendo rwabereye I Mecca bahitanywe n’ubushuhe bwinshi hamwe n’imisunikano y’abarwitabiriye.

Abategetsi ba Arabiye Sawudite kugera ino saha ntaco baravuga kijanye n’izo mpfu. Gusa, bavuze ko basubije inyuma abaharurwa mu bihumbi, bari baje muri urwo rugendo badafise impapuro zibemerera kwinjira muri Arabiya Sawudite. Benshi mu banyagihugu ba Misiri barashoboye yamara kuhaguma ata mpusha bafise, arinako guhava babura amahoteri n’imihana bahungiramwo ubushuhe bwinshi.

Ibihugu bimaze kwemeza ko abanyagihugu bavyo bapfiriye mu rugendo rweranda ngarukamwaka rwa Isilamu, ni Misiri yemanga ko yabuze n’imiburiburi 630, Indonezitya yabuze 165, Ubuhindi bwabuze 98, Amerika yabuze babiri.

Hari ariko n’ibihugu bitatanze igitigiri c’abo vyabuze. Ivyo navyo ni Yorodaniya, Tuniziya, Maroke, Aljeriya, na Mareziya.