DRC: Abantu 7 Barimwo Umwana Bahitanywe n'Ibisasu vya M23 na FARDC

Abantu 7 barimwo abagore n’umwana umwe bahitanywe n’ibisasu vy’abasirikare n’abarwanyi ba M23 mu buseruko bwa Kongo.

Jazz Muhindo, atwara amwe mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike muri Kongo, yavuze ko bahitanywe n’urusasu rwa M23 rwayovye rukagwa ku nzu yabo iri mu kigwati citwa Bulotwa.

Ikigwati ca Bulotwa cegeranye n’igisagaraca Kanyabayonga, giharurwa mu bisagara bikomeye muri Kongo.

Baraka Lukulirwa atwara ico gisagara yemeje aya makuru, avuga ko hari n’abandi bantu bane bakomerekejwe n’ibisasu vya M23 na FARDC. Ivyo bisasu vyononye kandi ishure rimwe nkuko Baraka Lukulirwa abandanya kubivuga.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko abarwanyi ba M23 bariko baratera intambwe yo gushika mu gisagara ca Kanyabayonga, giherereye ku birometero 100 uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Kivu ya ruguru, Goma.