Amerika Irasaba ko Intambara Hagati ya Isirayeli n’Umurwi wa Hezbollah Ihagarara

Umukozi uzimya umuriro muri Isirayeli arimo kuzimya umuriro watewe n'ibisasu byarashwe n'abarwanyi ba Hezbollah

Amos Hochstein, intumwa ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kuri uyu wa kabiri, yasavye ko intambara hagati ya Israyeri n'umurwi Hezbollah ku rubibe Israyeri ihana na Libani, ihagarara.

Iyo ntumwa yabitangaje mu rugendo yagize ku murwa mukuru wa Libani, Beirut. Hochstein yavuze ko gutorera inyishu iyo ntambara mu buryo bwihutirwa biciye mu biganiro, biri mu nyungu ya bose.

Mu gihe intumwa ya Amerika, Amos Hochstein, yariko igendera Libani, umurwi Hezbollah watangaje ko wakoze igitero cawo ca mbere mu kiringo c’imisi itari mike. Uwo murwi wavuze ko abarwanyi bawo bakoze igitero ku kimodoka ca burende ca Israyeri, bakoresheje akadege katagira umudereva ka drone.

Mu rugendo rwiwe muri Libani, intumwa Hochstein, yabonanye n’umukuru w’inama nshingamateka ya Libani, Nabih Berri, acuditse cane n’umurwi Hezbollah. Hochstein yatangaje kandi ko yagiranye ibiganiro vy’ingirakamaro cane n’umukuru w’inama nshingamateka ya Libani. Yavuze ko baganiye ku vyerekeye umutekano na politike vyifashe muri iki gihe muri Libani. Bayaze kandi ku masezerano ahari muri iki gihe ku vyerekeye intara ya Gaza.

Yabonanye kandi n’umushikiranganji wa mbere wa Libani, Najib Mikati hamwe n’umutegetsi mukuru w’igisirikare c’ico gihugu, Joseph Aoun.

Hari umusi umwe inyuma y’uko agiranye ibiganiro n’umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu. (AFP)