Afrika y'Epfo: Imigambwe Ishigikiye ANC Ibandanya Yiyongera

Prezida Cyril Ramaphosa ni we azogena abazogira reta nshansha

Imigambwe yemeye kuja muri reta y'ubumwe muri Afurika y'Epfo igeze kuri itanu. Umugambwe ANC umaze imyaka 30 ku butegetsi bw'ico gihugu wabitangaje, uvuga ko ibiganiro vyo kurondera iyindi migambwe bibandanya.

Umugambwe ANC werekanye ko kugera ino saha, ufise bibiri vya gatatu vy’intebe ziri mu nama nshingamateka ya Afurika y’Epfo.

Umugambwe mushasha wemeye guhamvya iyindi yamaze kwemera kuja muri reta y’ubumwe witwa GOOD. Ibi, biciye bituma urunani rurimwo ANC rugira ibibanza 273 ku 400 biri mu nama nshingamateka. Ni ukuvuga ko ibice 68 kw'ijana vy’abagize inama nshingamateka nshasha y’ico gihugu bizoba bigizwe n’uruhande rurimwo ANC.

Muri ivyo bibanza 273, ANC ubwayo ifise 159, umugambwe DA utavuga rumwe na ANC ukaba urwiriyemwo abazungu ufisemwo intebe 87, IFP nawo 17, PA uhafise ibibanza 9, GOOD nawo intebe imwe rudende.

ANC watangaje ko imigambwe yose yemeye gukorana nawo kugira haboneke reta y’ubumwe izobwirizwa kuba muri reta. Prezida Cyril Ramaphosa ni we azogena abazogira reta nshansha. Aha, ANC ikavuga ko ikiriko irarondera iyindi migambwe yokwemera kuza muri reta y’ubumwe.

Umugambwe EFF wa Julius Malema uharanira guteza imbere ubutunzi ukaba ufise intebe 39, wishuye ANC uvuga ko utoza muri reta irimwo imigambwe Democratic Alliance (DA) na Freedom Front Plus (FFP), igwiriyemwo abazungu.

Umugambwe uMkhonto wa Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y’Epfo n’igicocoro co muri ANC, nawo nyene wanse kuba muri reta y’ubumwe. uMkhonto ufise intebe 58, wifatanije n’iyindi migambwe yaraye ishinze urunani ruzonyinyurana n’abazoba bari muri reta y’ubumwe.

Julius Malema akuriye umugambwe EFF

Umugambwe ANC wagiye mu vyambu vyo kurondera indi migambwe yosangira ubutegetsi nawo, inyuma y’uko vyanse ko uronka amajwi yari kuwufasha kugira ubwiganze mu nama nshingamateka. Kuva mu 1994 ufata ubutegetsi, ni bwo bwa mbere uwo mugambwe utaronse ubwiganze mu nama nshingamateka.

ANC wavuze ko imigambi reta y’ubumwe igiye kwihutisha irimwo uguteza imbere ubutunzi, gukora ibishoboka vyose abanyamitahe bagahurumbira kuyizana muri ico gihugu, kugwiza ubuzi mu ntumbero yo gutuza ubushomeri, gusubiramwo igisata c’ubutaka/amatongo hamwe no gusanura amabarabara n’inyubakwa.

Ata gihindutse, Prezida Cyril Ramaphosa aheruka kugenwa n’inama nshingamateka nka prezida wa Afurika y’epfo azorahirira manda yiwe ya kabiri ku munsi wa gatatu w’ino ndwi. Inyuma yo kurahira, azoheza ace ashinga reta nshasha.