Umugambwe wa Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Wemeye Kuja mu Nama Nshingamateka

Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y'Epfo

Umugambwe uMkhonto we Sizwe washinzwe na Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y’epfo watangaje ko wemeye kuzoja mu nama nshingamateka nshasha.

Ku munsi wa gatanu, uMkhonto wari wanse kuja mu nama nshingamateka, uvuga ko ANC wivye amatora yo mu kwezi kwa gatanu. Kuri uwo munsi wa gatanu ni naho Prezida Cyril Ramaphosa yatorewe manda ya kabiri, biciye mu matora y’abashingamateka.

uMkhonto we Sizwe wavuze ko wahisemwo kwinjira mu runani rw’imigambwe mitomito itavuga rumwe n’ubutegetsi irimwo uwitwa EFF na UDM, kugira ushobore guhangana neza n’umugambwe ANC hamwe n’iyemeye kuja muri reta y’ubumwe, irimwo umugambwe DA ugwiriyemwo abazungu.

uMkhonto we Sizwe wa Jacob Zuma ubandanya kuvuga ko wemeye kuja mu nama nshingamateka inyuma y’impanuro wahawe n’abawuburanira, kandi ko kuba wemeye kuja mu nama nshingamateka bidasigura ko uhevye kuzobandanya witwarira umugambwe ANC muri dosiye y’amatora wemeza ko yaranzwe na twa sorobo.

Umugambwe uMkhonto we Sizwe wa Jacob Zuma yahoze ari igicocoro co muri ANC akaba yahoze atwara Afurika y’epfo, waje mu kibanza ca gatatu mu migambwe yaronse amajwi menshi mu matora yo mu kwezi kwa gatanu.

Ku bibanza 400 biri mu nama nshingamateka ya Afurika y’epfo, uzoba ufise ibibanza 58. Umuvugizi wawo, yabwiye abamenyeshamakuru ko ukuba umugambwe wabo wagiye mu runani rurimwo imigambwe yanse kuja muri reta y’ubumwe, bizotuma urwo runani rugira ibice 30% vy’intebe ziri mu nama nshingamateka ya Afurika y’epfo.

Umugambwe ANC wahisemwo inzira ya reta y’ubumwe inyuma yuko vyanse ko uronka amajwi awufasha kugira ubwiganze mu nama nshingamateka, biciye mu matora yabaye mu mpera z’ukwezi kwa gatanu.