Cyril Ramaphosa Yatorewe Manda ya Kabiri

Cyril Ramaphosa wa Afurika y'Epfo

Cyril Ramaphosa azorahirira manda yiwe ya kabiri nka prezida wa Afurika y’epfo ku munsi wa gatatu w’indwi iza. Aya makuru yemejwe n’umwe mu bari muri reta, yabitangarije itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP. Abazokwitabira ibirori vyo kurahirira manda yiwe ya kabiri ntibaramenyekana.

Abategetsi bamaze kumukeza, inyuma yaho ejo ku wa gatanu inama nshingamateka isubiye kumweza nka prezida wa Afurika y’epfo, barimwo prezida w’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yamwifurije amahirwe masa.

Cyril Ramaphosa yinjiye muri manda yiwe ya kabiri izomara imyaka itanu, biciye mu matora yakozwe n’abashingamateka bamwemeje ku majwi 283. Yari yahiganywe na Julius Malema wo mu mugambwe EFF yaronse amajwi 44.

Prezida Ramaphosa w’imyaka 71 igenwa ryiwe arikesha amasezerano atari bwakaboneke muri Afurika y’epfo, umugambwe ANC akomokamwo wagiranye n’uwitwa DA, uza imbere mu yitavuga rumwe nawo ukaba wiganjemwo abazungu, hamwe n’iyindi migambwe mitomito.

Amasezerano yabaye hagati y’iyo migambwe yakurikiye amatora yo mu kwezi kwa gatanu, vyanse ko ANC uronkamwo amajwi menshi yotuma ugira ubwiganze mu nama nshingamateka.

John Steenhuisen, atwara umugambwe DA yavuze ko umugambwe wiwe urindiranye igishika cinshi co gukorana na ANC biciye muri reta y’ubumwe igiye gushingwa. Reta nshasha izoshingwa izoba igizwe ahanini n’abanywanyi ba ANC, abo mu mugambwe DA n’abo mu mugambwe IFP.

Umugambwe DA utavuga rumwe na ANC wavuze ko reta y’ubumwe izoba irimwo abo mu migambwe itandukanye, izofasha gutsimbataza intwaro nziza gutuza ibiturire vyari bimaze iminsi bivugwa muri ANC no kubaka igihugu.

Mu nama nshingamnateka, ANC izoba ihafise ibibanza 159 ku 400 biyigize, DA nawo uzoba uhafise ibibanza 87, Zulu Inkhata urwiriyemwo abo mu bwoko bw’abazulu nawo uzoba uhafise ibibana 17.